Yobu12
Yobu
1Yobu arasubira yishura ati:2“Ni ukuri umenga ni mwebwe muzi vyose,kandi umenga nimwapfa ubwenge bwose buzoba bujanye namwe!3Ariko nanje mfise ubwenge nkamwe,nta co munsumvya.Ni nde ayobewe ivyo vyose muriko muravuga?4Nabaye agatwengo kuri bagenzanje, naho nambaza Imana kandi ikantabara.Naho bantwenga,ndi umugororotsi, inyankamugayo.5Abaguwe neza bakengera abari mu magorwa,bagahenura abadandabagirana.6Amahema y’abambuzi ntakomakomwa,abacokora Imana baratekaniwe,inkomezi zabo ni zo bagize imana yabo.7Nimubaze ibikoko, bizobigisha.Mubaze inyoni zo mu kirere, zizobibabwira.8Canke uvugane n’isi, izokwigisha,canke mureke amafi yo mu biyaga ababwire.9Ni igiki muri ivyo vyose kitaziko ukuboko kw’Uhorahoari we yakoze ivyo?10Ubuzima bw’ivyaremwe vyose buri mu biganza vyiweco kimwe n’impwemu z’abariho bose.11Mbega ugutwi ntigusorongora amajambonk’uko akanwa gatandukanya uburyohe bw’ivyokurya?12Ubwenge bufiswe n’abatama,kandi ugutahura gufiswe n’abamaze imyaka myinshi.13Ubwenge n’inkomezi vy’ukuri ni ivy’Imana,kuja inama no gutahura ni ivyayo.14Ico isambuye ntigisubira kwubakwa;abo iboshe nta wushobora kubabohora.15Itumye imvura itara, haba ubugaragwa.Iyirekuye na ho imyuzure ikwira isi.16Inkomezi no gutahura ni ivyayo,kandi uwabeshwe n’uwabeshe, bompi ni abayo.17Ishorera abatware bari ibirenge bisa,abacamanza ikabanyaga ubwenge.18Abami ibambura inyambarabami zabo,ikabambika umukanda mu rukenyerero gusa.19Abaherezi ibashorera nk’abaja,igatembagaza abategetse kuva kera.20Izivya akanwa k’abizigiwe,inararibonye ikazaka ugutahura.21Abahambaye ibambika agakengerwe,abanyenkomezi ikabambura ibigwanisho.22Ishira ahabona ivyihishije mu mwijima w’umuzitanya,igitutu c’umwijima gikomeye ikagihindura umuco.23Ni yo ikomeza amahanga, ikongera ikayasambura.Ni yo iyagura ikongera ikayashwiragiza.24Abatware b’isi ibambura ubwenge,bagasigara bayerera mu gahinga katagiramwo inzira.25Bagakabakaba mu mwijima utagira umuco,bakadandabagirana nk’imborerwa.Biblica, Inc.