Yobu11
Zofari
1Maze Zofari w’i Nayama na we yishura Yobu ati:2“Mbega ayo majambo yose yogenda ata wuyishuye?Mbega umuntu yokwemerwa ko ari umugororotsi kubera amajambo yiwe menshi?3Ukwihayagiza kwawe kwotuma tunuma?Mbega nta n’umwe yokwubahuka kukwamira uriko uratukana?4Wewe ubwira Imana uti: ‘Ukwizera kwanje ntikugira agatosi,kandi uti ndera imbere yawe.’5Ese icompa Imana ikagira ico ivuze,ikugurura akanwa kayo, ikakwishura.6Mbega yokubwira amabanga y’ubwenge bwayo,kuko ubwenge bufise impande zibiri.Ni ho womenya ibi: ko Imana yirengagije bimwe mu bigabitanyo vyawe.7Mbega woshobora gutahura amabanga y’Imana?Mbega womenya aho ububasha bw’Iyishoboravyose bugarukira?8Bugera hejuru y’amajuru; none wewe uri iki?Bugera kure i bwina mu kuzimu; none wewe uzi iki?9Urugero rwabwo ni runini gusumba isi,bwagutse gusumba ibiyaga.10Mbega none igufashe ikagushira mw’iboherohanyuma ikagucira urubanza, ni nde yoyihaririza?11Nta gukekeranya, irazi abanyabinyoma;kandi ibonye ikibi, none nta co yandika?12Umukehabwenge nta kuntu ashobora guhinduka umunyabwengekurya indogoba y’inyeshamba, idashobora kuvyara umuntu.13Ariko weho, niwayegurira umutima wawe,ukayitarikira amaboko,14ugashira kure icaha kiri mu biganza vyawe,ukankira ikibi na kimwe kwarika mu mutima wawe,15ni ho uzohagarara ata soni,uzohagarara wemye ata bwoba.16Uzokwibagira imibabaro yawe,uzovyibuka kurya wibuka amazi yatemvye akarengana.17Ubuzima bwawe buzokayangana kurusha izuba ryo mu mashoka,ijoro rizokubera nk’umutwenzi.18Uzoba impore kuko uzoba wagize ivyizigiro;uzokwiraba biguhe gutekanirwa.19Uzoryama usinzire, nta n’umwe azogutera ubwoba.Kandi benshi bazoza aho uri ngo ubafashe.20Ariko abanyakibi bazogenda bashira inkomezi.Nta ho bazohungira,kandi ivyizigiro vyabo ni urupfu.”Biblica, Inc.