Yobu13

1Amaso yanje yabonye ivyo vyose,amatwi yanje yavyumvise kandi nabitahuye.2Ivyo muzi nanje ndabizi;nta co mundusha.3Ariko nshaka kwivuganira n’Iyishoboravyose,niburanire n’Imana yonyene.4Ariko mwebwe mundementaniriza ibinyoma,mumeze nk’abaganga ata co bazi5Iyo mupfuma munuma,ni ho mwari kuba mugize ubwenge.6Nimwumve ivyireguro vyanje,mutege amatwi ukuburana kw’iminwa yanje.7Mbega mwoburanira Imana mu binyomahamwe n’amajambo yanyu y’ubugunge?8Mbega Imana mwoyiburanira muhengamye?Mugaharira ku bwayo?9Aho mwibaza ko vyoborohera iseranguye ivyiyumviro vyanyu?Mwibaza ko mwoyibesha nk’uko mubesha abantu?10Ni ukuri ntizobura kubabaza ivyo mwakozenimwagomba kuyiburanira muhengamye.11Mbega icubahiro cayo ntikibatera ubwoba?Mbega igitinyiro cayo ntikizobasumira?12Amajambo y’ubwenge yanyu afise agaciro nk’ak’umunyota.Imburano zanyu zifise inkomezi nk’iz’inkono z’ibumba.
13Nimunume, mundeke mvuge,bice aho bigomba.14Ni vyo, amagara yanje ndayafashe mu minwe,kandi mvuga ico niyumvira.15Naho yonyica, noguma ndayizigiye,ariko ngira mburane imbere yayo.16Ndazi ko ivyo bizomviramwo agakiza,kuko uwutubaha Imana atohagarara imbere yayo.17Tega amatwi mwumve amajambo yanje,amatwi yanyu yumve ivyo mvuga.18Urubanza rwanje narushinze,kandi ndazi ko nzorutsinda.19Mbega hari uwufise ico anyagiriza?Aho ni ho nonuma gushika mpfe.
20Mana yanje, umpe ibi bintu bibiri,nanje sinzotinya kurenguka mu nyonga hawe.21Nkurako ikiganza cawe,wongere ureke kunteza ubwoba igitinyiro cawe.22Hanyuma uheze uvuge, nanje ndishura,canke undeke mvuge, na we unyishure.23Mbega ibigabitanyo n’ivyaha vyanje bingana gute?Nyereka ibicumuro n’ivyaha vyanje.24Ni kubera iki unyegeza mu nyonga hawe,ukamfata nk’umwansi wawe?25Mbega wotera ubwoba ikibabi kigururwa n’umuyaga,ukirukanga inyuma y’umuguruka wumye?26Kuko ivyo unyandikako bimbera umururazi,ukampanira ivyo nakoze mu buto bwanje.27Ibirenge vyanje wabiboheye mu mpatane z’ibiti,ukurikirana intambuko zanje zose,ugashingira akarimbi amakanda y’ibirenge vyanje.
28Ubuzima bwanje na bwo bubaye nk’igiti kibunzwe,bubaye nk’impuzu iriwe n’umuswa.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e