Zaburi50

Ni Zaburi ya Asafu.

1Inyenkomezi, Imana, Uhoraho,aravuze ahamagara abo mw’isiuhereye iyo izuba riserukira ukageza iyo rirengera.2Kuva i Siyoni, h’ubwiza buhebuje,Imana irakayanganye.3Imana yacu irajekandi ntizocereza;umuriro uratongora imbere yayo,kandi akikijwe n’igihuhusi gihambaye.4Ahamagara amajuru yo hejuru,agahamagara n’isi, kugira ngo acire imanza abantu biwe ati:5“Nimunyegeranirize aba bantu batoranijwe,abo twagiranye isezerano na bo hatanzwe ikimazi.”6Kandi amajuru yamamaza ukugororoka kwiwe,kuko ari Imana ica imanza zibereye.
7“Nimwumve, bantu banje, kuko ngira mvuge;nzokwagiriza, ewe Isirayeli:ndi Imana, Imana yawe.8Sinzozana ivyo kukwagiriza bijanye n’ibimazi vyawecanke bijanye n’amashikanwa yawe aturiwe,vyama imbere yanje na ntaryo.9Sinkeneye impfizi zivuye mu mpongore zanyucanke impene zo mu mpongore zanyu,10kuko ibikoko vyose vyo mw’ishamba ari ivyanje,n’amasho yo ku mirambi igihumbi.11Ndazi inyoni zose zo ku misozi,n’udukoko tuguruka two ku misozi ni utwanje.12Nosonza sinobikubwira,kuko isi ari iyanje, n’ibiri muri yo vyose.13Mbega ndarya inyama z’impfizicanke ndanywa amaraso y’impene?
14Nimushikanire Imana ikimazi c’ishimwe,mushitse ivyo mwasezeraniye Iyisumbavyose,15maze muze munyambaze mu gihe c’amagorwa;nzobakiza, namwe muzompesha icubahiro.”
16Ariko umunyakibi, Imana iramubwira iti:“Wiruhiriza iki uvuga ivyagezwe vyanjecanke ucisha isezerano ryanje mu kanwa kawe?17Ko wanka inyigisho zanjeugatera ibitugu amajambo yanje.18Ubonye umusuma wifatanya na we;ugasangira umugabane wawe n’abasambanyi.19Akanwa kawe ugakoresha mu kuvuga ibibikandi ururimi rwawe ruvuga ivy’ubugunge.20Wicara uvuga nabi umuvukanyi waweukararaza mwene nyoko bwite.21Igihe wabikora nanje narihoreye,nawe wibaza ngo turangana.Ariko nzoguhana,ibirego vyanje vyose ndabishire imbere yawe.
22Mumenye ibi, yemwe abibagira Imana,kugira ngo sindabatabagure, mutagira gitabara.23Abanshikanira ibimazi vy’ishimwe baba bampesheje icubahiro,kandi abagendera mu bugororotsi nzobereka agakiza kanje.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e