Zaburi51

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni Zaburi ya Dawidi. Igihe uwavugishwa n’Imana Natani yaza kuri we inyuma yaho Dawidi asambanye na Batisheba.

1Ngirira imbabazi, ewe Manakubera urukundo rwawe rudashira;kubera impuhwe zawe nyinshinufute ibigabitanyo vyanje.2Nyoza ukugabitanya kwanje kwoseunyoze icaha canje.
3Kuko ndazi ibigabitanyo vyanje,kandi icaha canje cama imbere yanje4Nacumuye kuri wewe, wewe wenyene,nakoze ibibi mu nyonga hawe;ari na co gituma uvuga ukuri mu manza ucakandi ata co ugawa iyo uciye urubanza.5Ni ukuri navukiye mu vyaha,ndi umunyavyaha kuva mama akinsama inda.6Ariko washatse ko mba umwizigirwa n’igihe nari mu nda;wanyigishije ubwenge nkiri aho hantu hihishije.
7Unyogeshe ezobu, nanje ndahumanuka;unyoze, nanje ndera derere kurusha shelegi.8Umpe kwumva umunezero n’agahimbare;amagufa wavunaguye anezerwe.9Hisha inyonga zawe ivyaha vyanjeuhanagure ukugabitanya kwanje.
10Ureme muri jewe umutima utunganye, ewe Mana,umpe umutima ushikamye.11Ntunyirukane mu nyonga hawecanke ngo unkureko Mpwemu Yera wawe.12Nsubiza umunezero w’agakiza kaweumpe umutima ufise ishaka ryo kukwumvira.
13Ni ho nzokwigisha inzira zawe abagucumurako,kugira ngo abanyavyaha baguhindukirire.14Mbohora unkureko urubanza rw’amaraso, ewe Mana,wewe Mana Mukiza wanje,maze ururimi rwanje ruzoririmba ivyo kugororoka kwawe.15Ugurura iminwa yanje, ewe Mana,maze akanwa kanje kazokwamamaza ishimwe ryawe.16Ntuhimbarwa n’ibimazi, iyo biba gutyo mba ndabikuzaniye,amashikanwa aturiwe si yo unezerererwa.17Ikimazi ngushikaniye, Mana, ni umutima umenetse;umutima umenetse kandi ujanjaguritsewewe, Mana, ntuzowukengera.
18Nibiguhimbare ugirire neza Siyoni,wubake inzitiro z’i Yerusalemu.19Ni ho uzonezerererwa ibimazi vyo kugororoka,amashikanwa aturiwe atagabanije;n’amapfizi azotangwa ku gicaniro cawe.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e