Zaburi49
Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni iya bene Kora. Ni Zaburi.
1Yemwe mahanga mwese, nimwumve ibi;yemwe ababa kuri iyi si mwese, nimwumvirize,2abaciye bugufi n’abashizwe hejuru,baba abatunzi canke abakene:3Akanwa kanje kagira kavuge amajambo y’ubwenge;ukurimbura kw’umutima wanje kuzobaha gutahura.4Ndahindukiriza ugutwi kwanje ku mugani;mu murya w’inanga ndasigura igisokozo.5Ni kuki notinya igihe imisi mibi ije,mu gihe abantu b’ingunge bankikuje;6abizigira ubutunzi bwabobakirata ibihinda vyabo vyinshi?7Nta n’umwe ashobora gucungura ubugingo bw’uwundicanke ngo abutangire incungu ku Mana;8incungu y’ubuzima bw’umuntu ni iy’igiciro kinini,nta co umuntu yoriha ngo akwize ikiguzi;9kugira ngo barambe ibihe vyosentibabone ukubora.10Kuko mbona ko umunyabwenge apfa,igipfu n’ikijuju na bo bagahona,bagasigira abandi ubutunzi bwabo.11Imva zabo ni zo zizoba amazu yabo y’ibihe bidashira,aho bazoba ibihe bizokuranwa n’ibindi,naho amatongo yabo bari bayise amazina yabo.12Abantu naho bogira ibihinda, ntibahoraho;bameze nk’ibikoko bipfa gusa.13Iyi ni yo nzira y’abiyizigira,n’ababakurikira, bakunda ivyo bavuga.14Bameze nk’intama kandi bagerewe gupfa;urupfu ni rwo ruzoba umwungere wabo(ariko abatunganye bazobasiribanga mu gitondo).Ubwiza bwabo buzoborera mu mva,kure y’amazu yabo ajererenze.15Ariko Imana izoncungura inkure ahantu h’abapfuye;ni ukuri izonjana iwe.16Ntuze ugire ubwoba abandi nibarushaho gutunga,ubwiza bw’amazu yabo bukaba bwinshi;17kuko ata co bazojana nibapfa,ubwiza bwabo ntibuzojana na bo.18Naho igihe bakiriho biyita abahirwe;kandi bagakomerwa amashi kubera ivyo bashitseko;19bazohamvya ababitangiye imbere,batazosubira kubona umuco w’ubugingo.20Abantu bafise ubutunzi ariko badafise ugutahurabameze nk’ibikoko bipfa.Biblica, Inc.