Zaburi85

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni iya bene Kora. Ni Zaburi.

1Uhoraho, wewe werekanye imbabazi ku gihugu cawe;wagarukanye inyagano zo mu ba Yakobo.2Wahariye ukugabitanya kw’abantu baweutwikira ivyaha vyabo vyose.3Warigaruye uva mu burake bwaweureka ubushangashirwe bwawe bw’inkazi.
4Subira utugarukane, ewe Mana Mukiza wacu,udukureko ukuturakira waturakiye.5Mbega uzokwama uturakiye ibihe vyose?Mbega uburake bwawe buzogumaho uko urunganwe ruzogenda rukurikirana?6Mbega ntuzoduhembura,kugira ngo abantu bawe bakunezerererwe?7Twereke urukundo rwawe rudashira, ewe Uhoraho,uduhe agakiza kawe.
8Nzokwumviriza ivyo Uhoraho Imana avuga;yasezeraniye amahoro abantu biwe, abantu biwe bamwumvira;ariko ntibasubire mu bupfu bwabo.9Ni ukuri agakiza kiwe kari hafi y’abamwubaha,kugira ngo ubwiza bwiwe bugume mu gihugu cacu.
10Urukundo n’ubwizigirwa birahuye;ubugororotsi n’amahoro biragumbiranye.11Ubwizigirwa buratutuje buva mw’ivu,ubugororotsi bumanutse buva mw’ijuru.12Uhoraho azotanga ivyiza vy’ukuri,maze igihugu cacu kizokwera ivyimburwa vyaco.13Ukugororoka kumugiye imberekugira ngo kumutegurire inzira acamwo.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e