Zaburi84

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Mw’ijwi ryitwa Gititi. Ni iya bene Kora. Ni Zaburi.

1Ese ingene Ingoro yawe ari nziza,Ewe Uhoraho Mushoboravyose!2Umutima wanje uraniha, unkabiraniyemwoku bwo gukumbura ibirimba vy’Uhoraho;umutima wanje n’umubiri wanjebiratakambira Imana nzima.3Utunyoni na two twironkeye aho kuba,n’intamba zironkeye icari,aho gushira uduswi twazo;i ruhande y’igicaniro cawe,Uhoraho Mushoboravyose, Mwami wanje, Mana yanje.4Hahiriwe abibera mu nzu yawe;bama baguhimbaza.
5Hahiriwe abafise inkomezi muri wewe,imitima yabo yama yiteguye kuja mu rugendo ruja i Siyoni.6Iyo baciye mu Mwonga wa Baka, bisigura “umwonga w’amarira”,bahahindura ahantu h’amariba;kandi n’imvura yo ku mutasuro iwambika imigisha.7Bagenda biyubura mu nkomezi nsha,kugeza umwe wese ashitse imbere y’Imana i Siyoni.
8Umva ugusenga kwanje, Uhoraho Mana Mushoboravyose;ntega ugutwi, Mana ya Yakobo.9Raba wewe nkinzo yacu, ewe Mana;raba ryiza uwo warobanuje amavuta.
10Kumara umusi umwe mu birimba vyawebiruta kumara imisi igihumbi ahandi;nopfuma mba umurinzi w’irembo ry’inzu y’Imana yanjehako mba mu mahema y’abanyakibi.11Kuko Uhoraho Imana ari izuba akaba n’inkinzo;Uhoraho agira ubuntu agatanga icubahiro;ntazogira iciza yimaabagenda batunganye.
12Uhoraho Mushoboravyose,hahiriwe uwukwizigira.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e