Zaburi86

Isengesho rya Dawidi.

1Ntega ugutwi, Uhoraho, maze unyishure,kuko ndi umukene n’umugorwa.2Zigama ubugingo bwanje, kuko ndi umwizigirwa kuri wewe;kiza umusavyi wawe akwizigira;uri Imana yanje;3ngirira imbabazi, ewe Mana,kuko ndakwambaza bukarinda bwira.4Zanira umunezero k’umusavyi wawe, ewe Mana,kuko nkwizigira.
5Ewe Mana, uraharira kandi uri mwiza,kandi ufise urukundo rwinshi ku bakwambaza bose.6Niwumve ugusenga kwanje, Uhoraho;niwumve ugutakamba kwanje.7Iyo ndi mu mubabaro, ndakwambaza,kuko unyishura.
8Nta n’imwe mu zindi mana imeze nkawe, ewe Uhoraho;nta wushobora gukora nk’ivyo ukora.9Amahanga yose waremyeazoza akwikubite imbere, ewe Mana;bazoshima izina ryawe.10Kuko uhambaye kandi ukora ibihambaye;ni wewe wenyene uri Imana.
11Nyigisha inzira zawe, ewe Uhoraho,kugira ngo nizigire ukwizigirwa kwawe;umpe umutima ugororotse,kugira ngo nubahe izina ryawe.12Nzogushima, ewe Uhoraho Mana yanje, n’umutima wanje wose;nzoshima izina ryawe ibihe bidashira.13Kuko urukundo unkunda ari rwinshi;wantabaye ukankura i bwina,iwabo w’abapfuye.
14Abangwanya bibona baranteye, Mana;abantu b’ibirara bagomba kunyica;ntibakubabaye na mba.15Ariko wewe, Uhoraho, uri Imana y’inyabuntu igira imbabazi,iteba kuraka, yuzuye urukundo n’ubwizigirwa.16Hindukira ungirire imbabazi;erekana inkomezi zawe zo gutabara umusavyi wawe;unkize, kuko ndagukorerank’uko na mama yabikora.17Nyereka ikimenyetso c’ukugira neza kwawe,kugira ngo abansi banje babibone bamaramare,kuko wewe, Uhoraho, wantabaye ukandemesha.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e