Zaburi61

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Bavugira inanga. Ni iya Dawidi.

1Niwumve ukurira kwanje;umva ugusenga kwanje.
2Ndagutakambira ndi ku mpera z’isi,ndagutabaza kuko umutima wanje unkabiraniyemwo;undongorere ku gitandara kirekire kinsumba.3Wamye uri ubuhungiro bwanje,umunara ukomeye unkingira abansi.
4Ndipfuza kuba mw’ihema ryawe ibihe vyosengahungira mu bwihisho bw’amababa yawe.5Kuko wewe, Mana, wumvise ivyo narahiye;wampaye umugabane w’abubaha izina ryawe.
6Gwiza imisi yo kubaho kw’umwami,imyaka yiwe uko urunganwe rukurikirana n’urundi.7Niyimikirwe mu nyonga z’Imana ibihe vyose;utume urukundo rwawe n’ubwizigirwa bwawe ngo bimuzigame.
8Maze nanje nzoririmba ishimwe ry’izina ryawenshitse n’ivyo narahiye umusi ku wundi.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e