Zaburi62

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Yahawe kandi Yedutuni. Ni Zaburi ya Dawidi.

1Ni ukuri umutima wanje uruhukira mu Mana;agakiza kanje kava kuri yo.2Ni ukuri ni yo gitandara canje n’agakiza kanje:ni yo gihome kinkingira, sinzokwigera nyiganyizwa.
3Muzogeza hehe kuntera?Mbega mwese mugomba kuntsinda hasi;nk’urusika ruhengamye, canke uruhome ruhomvokeye hasi?4Ni ukuri bagira inama yo kuntembagaza ngo bankureku ntebe yanje iri hejuru,bahimbarwa n’ibinyoma.Bahezagirisha akanwa kabo,ariko mu mitima yabo bakavuma.
5Ego cane, mutima wanje, ruhukira mu Mana;ivyizigiro vyanje biva kuri yo.6Ni ukuri ni we gitandara canje n’agakiza kanje;ni we gihome kinkingira, sinzonyiganyizwa.7Agakiza kanje n’icubahiro canje kiva ku Mana;ni we gitandara canje gikomeye, ni ubuhungiro bwanje.8Muze muhore mu mwizigira ibihe vyose, yemwe bantu;mumugaragarize imitima yanyu,kuko Imana ari yo buhungiro bwacu.
9Ni ukuri abantu bose ni nk’impwemu zihumetswe gusa,abakuru n’abato ni ubusa gusa.Iyo bagezwe ku munzane, basangwa ari ubusa;bose hamwe ni impwemu zihumetswe gusa.10Ntimwishimire uguhahazacanke ngo ivyizigiro vyanyu mubishire ku vyasahuwe;naho ubutunzi bwanyu bwokongerekana,ntimubushireko umutima.
11Imana yavuze kimwe,nanje numva bibiri:Ubushobozi ni ubwawe, Mana,12kandi urukundo rudashira, ewe Mana, ruri kumwe nawe;kandi, ugerera umuntu weseibikwiranye n’ivyo yakoze.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e