Zaburi60

Yahawe umukuru w’abaririmyi. Mw’ijwi ryitwa “Ishurwe ry’Isezerano.” Ni Mikitamu ya Dawidi. Ni iyo kwigisha. Yayanditse igihe yagwana na Aramu-Naharayimu hamwe na Aramu-Zoba, Yowabu na we avuye gutikiriza ibihumbi cumi na bibiri vy’Abanyedomu Kiyaya c’Umunyu.

1Mana, waradutaye, kandi waduciyemwo imigwi;waraturakiye; none ubu nutugarukane!2Wanyiganyije igihugu ugisiga ari umusaka;none rero zibira ibihengeri vyaco,kuko kiriko kirazungazunga.3Weretse abantu bawe ibihe bigoye;watunywesheje umuvinyu utuma tudandabagirana.4Ariko ku bakwubaha, wabadugirije ibenderank’ikimenyetso ngo bahunge imyampi y’ababateye.
5Dutabarishe ukuboko kwawe kw’i buryo, kandi utwishure;kugira ngo abo ukunda bakire.6Imana yavugiye ahera hayo iti:“Mu kunesha kwanje nzogaburamwo ibice Shekemu,kandi nzogeresha umugozi ikiyaya c’i Sukoti;7Gileyadi ni uwanje, kandi Manase ni uwanje;Efurayimu ni we nkofero yanje,Yuda ni icumu ryanje ry’ubugabe.8Mowabu ni ibesani niyogeramwo,kuri Edomu ni ho nkunkumurira ibirato vyanje;Kuri Filisitiya ni ho nivugira amazina yo kunesha.”
9Ni nde azonshikana mu gisagara gikikujwe inzitiro?Ni nde azondongora gushika kuri Edomu?10Mbega si wewe ga Mana wadutaye,ntube ukijana n’ingabo zacu ku rugamba?11Dufashe kugwanya umwansi,kuko ugutabara kw’abantu ata co kumaze.12Turi kumwe n’Imana tuzonesha intambara,kandi izosiribanga abansi bacu.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e