Zaburi52
Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni masikili ya Dawidi. Aho Dowegi Umunyedomu yari yagiye kwa Sawuli akamubwira ati: “Dawidi yagiye mu nzu kwa Ahimeleki.”
1Ni kuki wirata ikibi, wa muhizi w’inkomezi?Ni kuki wirata bukarinda bwira,wa gatetereza mu nyonga z’Imana?2Wewe ukora ivy’ubugunge,ururimi rwawe ruja inama yo kwica;rumeze nk’urwembe rwakarihijwe.3Ukunda ikibi kukirutisha iciza,ibinyoma ukabirutisha ukuvuga ukuri.4Ukunda ijambo ryose ryo kwonona,ewe wa rurimi rw’ingunge!5Ni ukuri Imana izogushitsako uguhona kw’ibihe bidashira:izoguhonyanga igukwege igukure mw’ihema ryawe;izokurandura igukure mw’isi y’abazima.6Abagororotsi bazobiraba batinye;bazogutwenga, bavuge bati:7“Ehe wa muntuatigeze agira Imana ubuhungiroariko yishimiye ubutunzi bwiwe bwinshiagashirwa hejuru n’uko yishe abandi!”8Ariko jeho ndi nk’igiti c’umwelayogishurikira mu nzu y’Imana;nzokwizigira urukundo rw’Imana rudashiraibihe vyose.9Nzokwama ndagushimira ivyo wakozendi mu bizigirwa bawe.Kandi nzokwizigira izina ryawe,kuko izina ryawe ari ryiza.Biblica, Inc.