Zaburi53
Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Iri mw’ijwi ryitwa mahalati. Ni masikili ya Dawidi.
1Igipfu cibwira mu mutima kiti:“Nta Mana iriho.”Abantu nk’abo barononekaye, n’inzira zabo ni mbi;nta wukora ivyiza, nta n’umwe.2Imana irunguruka iri mw’ijuruikitegereza abana b’abantungo irabe ko hari n’umwe atahura,ko hari n’umwe arondera Imana.3Bose barazimiye, bose barononekaye;nta wukora ivyiza,eka nta n’umwe.4Mbega abo bantu b’inkozi z’ikibi nta co bazi?Barya abantu banje nk’abarya umutsima;ntibigera bambaza Imana.5Ariko aho nyene ni ho ubwoba bubafatiye,kandi ata kintu na kimwe co kubatera ubwoba.Imana izosanzaza amagufa y’abaguteye;uzobamaramaza, kuko Imana yabakengereye.6Ese icompa agakiza ka Isirayeli kakaza kavuye i Siyoni!Aho Imana izogarukanira abantu bayo;aba Yakobo baze banezerwe kandi Isirayeli ihimbarwe!Biblica, Inc.