Zaburi41

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni Zaburi ya Dawidi.

1Hahiriwe abababara umugorwa;Uhoraho azobakiza mu gihe c’ivyago.2Uhoraho azobarinda abakingire;bazoharurwa mu bahawe umugisha bo mu gihugu;ntazobarekurira mu maboko y’abansi babo.3Uhoraho azobashigikira bari ku buriri bagwaye,kandi azobasubizamwo inkomezi abahagurutse kuri ubwo buriri.
4Naravuze nti: “Ngirira imbabazi, ewe Uhoraho;unkize, kuko nagucumuyeko.”5Abansi banje bamvuga nabi bati:“Azopfa ryari ngo izina ryiwe ryibagiranwe?”6Iyo umwe muri bo aje kundaba,avuga ibinyoma, umutima wiwe uba wuzuye uruvugo;maze yasohoka akarukwiza hose.
7Abansi banje bose bamvugira mu vyongoshwe;banyipfuriza ibibi bavuga bati:8“Yafashwe n’ingwara idakira;ntazovyuka aho aryamye.”9N’umugenzi wanje pfampfe,uwo nahora nizigira,uwo twasangiye akabisi n’agahiye,ni we yahindukiriye kungwanya.
10Ariko wewe Uhoraho ngirira imbabazi,unkure hasi, kugira ngo ndabihore.11Ndazi ko unezerererwa,kuko umwansi wanje atazonyitamba ku muvyimba.12Kubera gutungana kwanje uranzigama,ukampagarika imbere yawe ibihe vyose.
13Uhoraho we, Imana ya Isirayeli nahimbazwe,uhereye ibihe bidashira ukageza ibihe bidashira.Amen kandi Amen.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e