Zaburi40
Ni izaburi ya Dawidi, yahawe umukuru w’abaririmvyi.
1Narorereye Uhoraho nihanganye;na we arahindukira yumva ugutakamba kwanje.2Yankuye mu cobo c’ukwihebura,ankura mu vyondo binyika;ashinga ibirenge vyanje ku rutareampa aho guhagarara hakomeye.3Yashize indirimbo nsha mu kanwa kanje,indirimbo y’ishimwe ry’Imana yacu.Benshi bazobibona bubahe Uhorahomaze bamwizigire.4Hahiriwe umuntuyizigira Uhoraho,ntashire amaso ku bibone,canke ku bahindukirira ibigirwamana.5Uhoraho Mana yanje,ibitangaza wakoze ni vyinshi,ivyo waduteguriye.Nta cogereranywa nawe;novuga ibikorwa vyawe,vyoba vyinshi cane sinobimara.6Ibimazi n’amashikanwa si vyo washatse;ariko wuguruye amatwi yanje;ibimazi bituriwe n’ibimazi vy’ivyaha ntivyaguhimbaye.7Nuko ndavuga nti: “Ndi hano, ndaje; ni ko vyanditswe kuri jewe,mu muzingo w’igitabu,8ndipfuza gukora ivyo ugomba, Mana yanje;ivyagezwe vyawe biri mu mutima wanje.”9Ndamamaza ibikorwa vyawe vyo kugororoka mw’ikoraniro rinini;sincereza, ewe Uhoraho,nk’uko ubizi.10Sinyegeza ukugororoka kwawe mu mutima wanje;ndavuga ukwizigirwa kwawe n’ugutabara kwawe.Sinshira mu gisimbo urukundo rwawe n’ukwizigirwa kwawengo ndabihishe mw’ikoraniro rinini.11Ntunkureko imbabazi zawe, ewe Uhoraho;urukundo rwawe n’ubwizigirwa kwawe vyame binzigama.12Kuko ivyago bitagira igitigiri binkikije;ivyaha vyanje biramfashe, nanje nta vyo mbona.Ni vyinshi nk’umushatsi wo ku mutwe wanje,n’umutima wanje ucitse intege.13Uhoraho we, emera kunkiza;Uhoraho, tebuka untabare.14Abagomba kunyicanibamaramare bakorwe n’isoni;abipfuza ko nohona bosenibasubizwe inyuma bateterewe.15Abambwira bati: “Aha! Aha!”isoni zitume bazibwa akanwa.16Ariko abakurondera bosenibanezerwe bahimbarirwe muri wewe;abipfuza ugutabarwa kwawe bame bavuga bati:“Uhoraho arahambaye!”17Ariko jeho ndi umworo, ndi umukene;ariko Uhoraho arambabara.Ni wewe mutabazi wanje n’umurokozi wanje;ni wewe Mana yanje, ntutebe.Biblica, Inc.