Zaburi42
Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni masikili ya bene Kora.
1Nk’uko impongo ihuzagizwa irondera imigezi y’amazi,ni ko n’umutima wanje uhuzagizwa ukwipfuza, ewe Mana yanje.2Umutima wanje unyoterewe Imana, Imana Nzima.Nzogenda ryari kubonana n’Imana?3Amosozi yanje ni yo yabaye ivyokurya vyanjeku murango no mw’ijoro,mu gihe abantu bivugira bukarinda bwira bati:“Imana yawe iri hehe?”4Ibi ni vyo nibukaumutima wanje ukameneka:ingene nahora nja mu nzu y’Imana,nkingiwe n’Inyenkomezi,ndi mu mashimwe n’impundu,ndi kumwe n’abantu benshi banezerewe.5Mutima wanje, ni igiki gitumye wicurikira?Ni igiki gitumye umpagararamwo?Niwizigire Imana,kuko nzosubira kumuhimbaza,Umukiza wanje n’Imana yanje.6Umutima wanje wicurikiriye muri jewe;ni co gituma nzokwibukandi mu ntara ya Yorodani,mu bushorishori bwa Herumoni; ndi ku musozi Mizari.7Idamba rihamagara irindi dambamu gusuma kw’amazi asuma;imikuba yawe yose n’imipfunda yawebirandengeye.8Ku murango Uhoraho arongora urukundo rwiwe,mw’ijoro indirimbo yiwe ibana nanje;nk’isengesho ku Mana y’ubugingo bwanje.9Ndabwira Imana Gitandara canje nti:“Ni kuki wanyibagiye?Ni igiki cotuma ngenda ngandaye,kubera guhahazwa n’umwansi wanje?”10Amagufa yanje avunagurikiye muri jewe,kubera abansi banje bankindaga,bukarinda bwira bambwira bati:“Imana yawe iri hehe?”11Mutima wanje, ni igiki gitumye wicurikira?Ni igiki gitumye umpagararamwo?Niwizigire Imana,kuko nzosubira kuyihimbaza,yo mukiza wanje n’Imana yanje.Biblica, Inc.