Zaburi35
Ni iya Dawidi.
1Uhoraho, burana n’abamburanya;gwana n’abangwanya.2Fata inkinzo yawe, nini na ntoya;uve hasi untabare.3Bangura icumu n’ikimitoutere abampiga.Umbwire uti:“Ni jewe gakiza kawe.”4Abarondera ubugingo bwanjenibateterwe bamaramare;abagira inama yo kunyicabasubire inyuma batinye.5Nibamere nk’umuguruka utumurwa n’umuyaga,umumarayika w’Uhoraho abirukane;6iminyuro yabo nicure umwijima kandi inyerere,umumarayika w’Uhoraho abahige abakinagize.7Kuko banteze umutego ata nyandurukobakanyimbira icobo ata gituma,8uguhona nikubashikeko giturumbuka;umutego bateze abe ari bo ufata,bagwe muri ca cobo, bahonereyo.9Ni ho umutima wanje uzonezererwa Uhoraho,ugahimbarirwa agakiza kiwe.10Ibimbamwo vyose bizokwatura biti:“Ni nde ameze nkawe, ewe Uhoraho?Ukiza abakene ababarusha inkomezi,aboro n’abakene ukabakiza ababahahaza.”11Ivyabona vy’ibinyoma bihagurukiye kunyagiriza;bambaza ibintu ata na kimwe ndabiziko.12Banyishuye ikibi ku ciza nabagiriyemaze banta jenyene.13Ariko igihe bari bagwaye, nambaye iguniranicisha bugufi ndisonzesha.Amasengesho yanje atishuwe,14nagendagenda ngandayenk’uwabuze umukunzi canke umuvukanyi.Nacuritse umutwe ngandayenk’uwabuze nyina.15Ariko aho natsitara, bagiye hamwe baranezerwa;bakoraniye kungwanya ntabizi.Bamvuze nabi ubudahumeka.16Bancokoye nk’abatubaha Imana,bampekenyera amenyo.17Uzogeza ryari, ewe Mana, kubiraba ntugire ico ukora?Ntabara unkize ibibi bakora,ukure ubugingo bwanje bw’igiciro mu menyo y’izo ntambwe!18Nzogushimira mw’ikoraniro rinini;imbere y’amasinzi nzoguhimbaza.19Ntureke abo ngo banyishimeko,banyankira ubusa;ntureke abanyanka ata gitumango bavuniranire ingohe.20Ntibavuga ivy’amahoro,ariko biyumvira ivyo kubesheraabibera mu gihugu ata nkomanzi.21Bashira urwamo hejuru bambwira bati: “Aha! Aha!Twavyiboneye n’amaso yacu.”22Uhoraho we, warabibonye; ntucereze.Ntube kure yanje, ewe Mana.23Ikangure uve hasi ungwanire!Mburanira, ewe Mana yanje kandi Mwami wanje.24Ungwanire mu bugororotsi bwawe, Uhoraho Mana yanje;ntubareke ngo banyishime hejuru.25Ntubareke ngo bavuge bati: “Ivyo ni vyo twarondera!”Canke bati: “Twamumize miyonzwa.”26Abahimbarwa n’uko nguye mu vyagonibamaramare bakorwe n’isoni;abanyishimakobakorwe n’isoni, bamaramare.27Abahimbarwa n’uko ntabawenibavuze impundu z’umunezero;bame bavuga bati: “Uhoraho ashirwe hejuru,we ahimbarwa n’ukugubwa neza kw’umusavyi wiwe.”28Ururimi rwanje ruzokwamamaza ukugororoka kwawe,n’amashimwe yawe burinde bwira.Biblica, Inc.