Zaburi36
Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni iya Dawidi umusavyi w’Uhoraho.
1Mfise ubutumwa mu mutima wanje buvuye ku Mana yanjebwerekeye ububi bw’abanyakibi ngo:Nta gutinya Imanakuri muri bo.2Mu maso yabo barihenda ubwabokugeza aho batamenya canke ngo banke icaha cabo.3Amajambo yo mu kanwa kabo ni mabi, ni ay’uruhendo;bananiwe no gukora ivy’ubwenge canke ngo bakore ivyiza.4Bari no ku mariri yabo baja imigabo yo gukora ibibi;bakiyegurira gusiganwa mu bibintibatere ibitugu ibitari ivy’ukuri.5Uhoraho, urukundo rwawe rushika no mw’ijuru,ukwizigirwa kwawe gushika no mu birere.6Ukugororoka kwawe kumeze nk’imisozi miremire,imanza zawe zimeze nk’idamba rinini.Ewe Uhoraho Mana, ni wewe ubwawe uzigama abantu n’ibikoko.7Ese ukuntu urukundo rwawe rudashira ari akaburarugero, ewe Mana!Abantu bahungira musi y’igitutu c’amababa yawe.8Bagira umusi mukuru mu bihinda vyo mu nzu yawe;ubaha ivyo kunywa biva ku ruzi rwawe rw’ibiryoshe.9Kuko kuri wewe ari ho hari isoko y’ubugingo;mu nyonga hawe ni ho tubonera umuco.10Shishikara ukunda abakumenye,ugume uri umugororotsi ku batunganye mu mitima.11Ikirenge c’umwibone ntikigahonyore iwanje,n’ukuboko kw’umunyakibi kwirukanwe.12Ehe ingene inkozi z’ibibi ziguye hasi;baratemvye, ubutagihaguruka!Biblica, Inc.