Zaburi34

Ni iya Dawidi. Igihe yihindura umusazi imbere ya Abimeleki, agaca amwirukana, na we agaca agenda.

1Nzokwama nshima Uhoraho ibihe vyose;ishimwe ryiwe rizokwama ku minwa yanje ubudasiba.2Nzokwirata Uhoraho;abaciye bugufi nibavyumve banezerwe.3Nimumfashe dushime Uhoraho;nimuze dufatanye gushira hejuru izina ryiwe.
4Narondeye Uhoraho, na we aranyishura;ankiza ubwoba bwose nari mfise.5Abamuravye bose barakayangana;mu maso habo ntihazokwigera hamaramara.6Uwu mugorwa yarambaje, Uhoraho aramwumva;amukiza amarushwa yiwe yose.7Umumarayika w’Uhoraho acumbitsehirya no hino y’abamwubaha, akabakiza.
8Nimwumvirize mumenye ko Uhoraho ari mwiza;hahiriwe uwumuhungirako.9Nimwubahe Uhoraho, yemwe abera biwe,kuko abamwubaha batazogira ico bakena.10Intambwe zocika intege zigasonza,ariko abarondera Uhoraho ntibazokena iciza na kimwe.11Nimuze bana banje, munyumvirize;nanje ndabigishe ukwubaha Uhoraho.12Umuntu wese akunda ubugingoakipfuza kubona imisi myiza myinshi,13aze arinde ururimi rwiwe ikibin’iminwa yiwe ayirinde ivyo kubesha.14Itandukanye n’ikibi, ukore ivyiza;rondera amahoro uyakurikire.
15Inyonga z’Uhoraho ziri ku bagororotsi,kandi amatwi yiwe ayabangira ugutakamba kwabo;16ariko igitsure ciwe kiri ku bakora ibibi,ngo aherengeteze ukwibukwa kwabo kw’isi.
17Abagororotsi baratakamvye, Uhoraho arabumva;abakiza amarushwa yabo yose.18Uhoraho ari hafi y’abafise imitima imenetsekandi akiza abajanjaguritse imitima.
19Amarushwa y’umugororotsi ashobora kuba menshi,ariko Uhoraho ayamukiza yose;20azigama amagufa yiwe,nta na rimwe rizovunika.
21Ikibi kizokwica umunyakibi;abagwanya umugororotsi bazotsindwa n’urubanza.22Uhoraho azokiza abasavyi biwe;nta n’umwe mu bamuhungirako azotsindwa n’urubanza.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e