Yeremiya13
Umukanda wera
1Uku ni ko Uhoraho yambwiye, ati: “Genda ugure umukanda wera derere maze uwambare mu rukenyerero, ariko ntihagire amazi awukorako.”2Nuko ngura umukanda, nk’uko Uhoraho yari yabintegetse, ndawukenyera mu rukenyerero.3Maze Uhoraho aza aho ndi ubwa kabiri, ati:4“Twara uwo mukanda waguze kandi ukenyeje, maze ugende uwunyegeze i Perati mu mugaga wo mu bitandara.”5Nuko ndagenda ndawunyegeza hafi ya Perati, nk’uko Uhoraho yari yabimbwiye.6Hashize imisi Uhoraho arambwira ati: “Ubu na ho genda i Perati maze uzane wa mukanda nakubwira ngo ugende unyegezeyo.”7Nuko nja i Perati nzura wa mukanda ndawukura aho nari narawunyegeje, ariko wari wononekaye rwose ata woshobora kuwukoresha.8Maze Uhoraho ambwira ijambo ati:9“Uko uwo mukanda umeze, ni ko Uhoraho avuze: ‘Uko ni ko nzokwonona ubwibone bwa Yuda n’ubwibone buhambaye bwa Yerusalemu.10Abo banyakibi, banka kwumva amajambo yanje, bagakurikira ugukomantara kw’imitima yabo kandi bagakurikira izindi mana ngo bazisabe bongere bazisenge, bazoba nk’uwu mukanda, ata co ugishoboye kumara!11Kuko, nk’uko umukanda bawukenyera mu rukenyerero, ni ko nakenyeye inzu yose ya Isirayeli n’inzu yose ya Yuda,’ ni ko Uhoraho avuze, kugira ngo babe abantu banje, bitirirwe izina ryanje, maze bampimbaze kandi bampe icubahiro. Ariko ntibanyumviye.Imikuza y’insato
12Uze ubabwire uti: ‘Uku ni ko Uhoraho, Imana ya Isirayeli, avuze: Umukuza wose w’urusato ukwiye kwuzuzwa umuvinyu. Kandi nibakubwira bati: None ntitubizi ko umukuza wose ukwiye kwuzuzwa umuvinyu?’13Uzoce ubabwira uti: ‘Uku ni ko Uhoraho avuze: Ngiye kuzokwuzuza akaborerwe abantu bose baba muri iki gihugu, harimwo n’abami bicara ku ntebe y’ubwami ya Dawidi, abaherezi, abavugishwa, n’abantu bose baba i Yerusalemu.14Nzobamenagura umwe wese kuri mugenziwe, abavyeyi n’abana co kimwe, ni ko Uhoraho avuze. Nta kagongwe nzogira canke imbabazi canke ikibabarwe ngo bimbuze kubaherengeteza.’ ”Ivyo kujanwa ari inyagano
15Nimwumve kandi muntege amatwi,ntimugire ubwibone,kuko Uhoraho aravuze.16Nimuhe Uhoraho Imana yanyu icubahiroatarazana umwijima,ibirenge vyanyu bigatsitaraku misozi kuko iri mu mwijima.Mwizigira umuco,ariko azowuhindura umwijima w’umuzitanyakandi azowuhindura nk’igicu gitwaye isegenya.17Ariko nimutanyumvira,nzoririra mu mpishokubera ubwibone bwanyu;amaso yanje azorira abogoze,amosozi acundugute,kuko umukuku w’Uhoraho uzoba utwawe kw’inyagano.18Bwira umwami n’umugabekazi uti:“Nimuve ku ntebe zanyu z’ubwami,kuko ingori z’ubwizazizokoroka zive ku mitwe yanyu.19Ibisagara vy’i Negebu bizokwugarwa,kandi ntihazoboneka uwo kuvyugurura.Abayuda bose bazojanwa ari inyagano,bazojanwa bose nta wuzosigara.20Nimwunamure amaso yanyu murabeabaje bava mu buraruko.Mbega umukuku bakuragije uri he,intama wari wishimiye?21Mbega uzovuga iki Uhoraho niyatumaabo wimenyereje ko ari abakunzi bawe bagutegeka?Mbega ntuzofatwa n’uburibwenk’ubw’umugore afashwe n’ibise?22Kandi niwibaza uti:‘Ni kuki ibi vyanshikiye?’Ni kubera ivyaha vyawe vyinshivyatumye uduhuzu twawe tugutabagurikirakon’umubiri wawe ukaba warakubaguwe.23Mbega Abanyetiyopiya bohindura urukoba rwabocanke ingwe yohindura amabara yayo?Ni ko na wewe utoshobora gukora ivyizakuko wamenyereye gukora ibibi.24Nzobasanzaza nk’umugurukautwarwa mu bugaragwa n’umuyaga.25Uyu ni wo mugabane wawe,umugabane nakugereye,”ni ko Uhoraho avuze,“kuko wanyibagiyeukizigira imana z’ibinyoma.26Nzoduza agahuzu kawe gashike mu maso yawekugira ngo umaramare,27Narabonye ubusambanyi bwawe n’ivyipfuzo vyawe,n’ubumaraya bwawe buteye isoni!Narabonye ibikorwa vyawe vyo kwankwa urunuka,ivyo wakoreye ku mirambi no ku misozi.Uragowe, Yewe Yerusalemu!Mbega uzogeza ryari kuba uwuhumanye?”Biblica, Inc.