Yeremiya14

Uruzuba, ikigoyi n’inkota

1Iri ni ryo jambo Uhoraho yatumye kuri Yeremiya ryerekeye uruzuba, ati:2“I Buyuda baragandaye,ibisagara vyaho bicitse intege;baraborogera igihugu,kandi akaruru kumvikana kava i Yerusalemu.3Abaganwa baho batuma amazi abakozi babo;na bo bakaja ku binogo bibika amazi,bagasanga nta mazi ariyo.Bagasubirana inyuma imibindi yabo ata kirimwo;bamaramaye, bihebuye,bitwikiriye imitwe.4Isi yase imigagakuko ata mvura ikigwa mu gihugu;abarimyi barihebuyekandi bitwikiriye imitwe.5Mbere n’impongokazi iri mw’ishambayataye umwagazi wayo ihejeje kuvyarakuko ata bwatsi.6Indogoba z’inyeshamba zihagarara ku dutwe tw’imisozi y’uruharabugazihuzagizwa nk’imbwebwe zinyotewe;zahwereye mu masokubera kubura ico zirya.”
7Naho ivyaha vyacu bitwagiriza,yewe Uhoraho, gira ico ukoze ku bw’icubahiro c’izina ryawe.Kuko twakugararije kenshi;twaragucumuyeko.8Yewe vyizigiro vy’Abisirayeli,kandi ukaba umukiza wabo mu gihe c’amagorwa,ni kuki uri nk’umunyamahanga mu gihugu,nk’ingenzi iraye hano ijoro rimwe gusa?9Ni kuki umeze nk’umuntu azazaniwe,nk’umuhizi atagira inkomezi zo gutabara?Uhoraho, wewe uri hagati muri twebwekandi twitirirwa izina ryawe,ntuduhebe!
10Uku ni ko Uhoraho abwira aba bantu:“Bakunda cane kwangara;ibirenge vyabo ntibitekana.Ni co gituma Uhoraho atabemera;agiye kwibuka ibibi vyabo,abahanire ivyaha vyabo.”
11Maze Uhoraho arambwira ati: “Ntusengere aba bantu ngo bamererwe neza.12Naho bisonzesha, sinzokwumviriza ugutakamba kwabo; naho batanga ibimazi bituriwe n’amashikanwa y’ifu, sinzobemera. Ahubwo, nzobamarisha inkota, ikigoyi n’ikiza.”
13Ariko ndavuga nti: “Ewe Uhoraho Nyeninganji, abavugishwa babo baguma bababwira bati: ‘Ntimuzobona inkota canke ngo mwicwe na kigoyi. Ni ivy’ukuri, nzobaha amahoro adashira muri aha hantu.’ ”
14Maze Uhoraho ambwira ati: “Abo bavugishwa bavuga ibinyoma mw’izina ryanje. Sinabatumye canke ngo ndabatoranye canke ngo mvugane na bo. Bavugishwa kuri mwebwe ivyo beretswe bitari vyo, n’indagu, ubupfumu n’uruhendo rw’ubwenge bwabo.
15Nuko rero uku ni ko Uhoraho avuze ku vyerekeye abo bavugishwa bariko bavugishwa mw’izina ryiwe: Si jewe nabatumye, ariko bavuga bati: ‘Inkota n’inzara ntibizoshika muri iki gihugu.’ Abo bavugishwa nyene bazorandurwa n’inkota n’inzara.16Kandi abo bariko baravugishwako bazotererwa mu mayira y’i Yerusalemu kubera ikigoyi n’inkota. Nta muntu wo kubahamba azoboneka baba bo canke abagore babo, abahungu babo canke abakobwa babo. Nzobarekurirako ivyago bibakwiye.
17Uze ubabwire iri jambo uti:‘Amaso yanje yuzuye amosozimw’ijoro no ku murango ubudasiba;kuko umukobwa wanje w’inkumi, ari bo bantu banje,bakomerekejwe cane,uruguma rudakira.18Ninjiye mu gihugu,mbona abicishijwe inkota;iyo ngiye mu gisagara,mbona abishwe na kigoyi.Umuvugishwa n’umuherezibagiye mu gihugu batazi.’ ”
19Mbega warahevye Ubuyuda rwose?Mbega warataye Siyoni?Ni kuki watubabajegushika aho tutagikira?Twari twizigiye amahoro,ariko nta ciza twabonye;twari twiteze igihe co gukira,ariko haje iterabwoba gusa.20Yewe Uhoraho, turemeye ububi bwacun’ukugabitanya kwa ba sogokuruza;ni ukuri twaragucumuyeko.21Ku bw’izina ryawe ntuduhebe;ntutetereze intebe yawe y’ubwami.Niwibuke isezerano wasezeranye natwenturyice.22Mbega ibigirwamana vy’amahanga vyotanga imvura?Mbega amajuru yonyene yozana imvura?Oyaye ni wewe wenyene, yewe Uhoraho Mana yacu.Ni co gituma tukwizigiye,kuko ari wewe ukora ivyo vyose.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e