Yeremiya12
Ukwidoga kwa Yeremiya
1Yewe Uhoraho, ibihe vyose uragororotse,igihe ndakuzaniye urubanza.Ariko nagomba mvugane nawe ku vy’ubutungane:Ni kuki abanyakibi batera imbere?Ni kuki abatizera biberaho neza?2Warabateye, bashora imizi;barakura bama ivyamwa.Bakwamana mu kanwa kabomugabo uri kure y’imitima yabo.3Ariko jeho uranzi, yewe Uhoraho;urambona kandi uzi n’ivyiyumviro nkwiyumvirako.Nubatware nk’intama zigiye kubagwa!Ubabikire umusi wo gusogotwa!4Igihugu kizogeza ryari kugandaran’ivyatsi ku misozi kwama bikabiranye?Kuko ababa muri co ari abanyakibi,ibikoko n’ibiguruka vyahonye.Vyongeye, abantu bavuga bati:“Ntazobona ibiriko biradushikako.”Imana yishura Yeremiya
5“Nimba wasiganywe n’abiruka n’amagurukandi bakakuruhisha,woshobora ute gusiganwa n’amafarasi?Ko utsitara mu gihugu kirimwo impore,uzobigenza gute igihe Yorodani ruzoba rwarenze inkombe?6Abavukanyi bawe, umuryango wawe bwite,na bo nyene baguhemukiye;baguhagurukiye ngo bakugwanye.Ntubizigire,naho bakuvuga neza.7Nzoheba inzu yanje,nzoreka n’iragi ryanje;nzotanga umwe nkundamu maboko y’abansi biwe.8Iragi ryanje ryampindukiyenk’intare mw’ishamba.Riraroha rimbonye;ni co gituma ndaryanka.9Mbega iragi ryanje ntiryambereyenk’igisiga c’amero gifise amabara menshiibindi bisiga vy’amero bikikuza ngo bikirye?Genda mukoranye ibikoko vyose vyo mw’ishamba;mubizane kugira ngo bishihagure amazimano.10Abungere benshi bazohonyanga uruzabibu rwanjekandi bazohonyanga umurima wanje;bazohindura umurima wanje nakundaahantu h’ubugaragwa bw’agahinga.11Hazohindurwa agahinga,ahantu hahebwe kandi h’ubugaragwa imbere yanje;igihugu cose kizoba ubugaragwakuko ata n’umwe abibabaye.12Ku dutwe twose tw’imisozi yose yo mu bugaragwaabasambura ni ho bazoca,kuko inkota y’Uhoraho izoririkakuva ku mpera y’igihugu gushika ku yindi;nta n’umwe azokira.13Bazobiba ingano ariko bimbure amahwa;bazotama cane ariko ntihagire ico bunguka.Bazomaramazwe n’ivyo bimbuyeku bw’uburake bw’inkazi bw’Uhoraho.”14Uku ni ko Uhoraho avuze: “Ku babanyi banje babi bafashe ishamvu nahaye abantu banje b’Abisirayeli, nzobarandura ndabakure mu bihugu vyabo ndandure n’inzu ya Yuda ndayikure hagati muri bo.15Ariko ninamara kubarandura, nzosubira ndabagirire imbabazi ngarukane umwe wese wo muri bo mw’ishamvu yiwe no mu gihugu ciwe bwite.16Kandi nibiga neza inzira z’abantu banje bakarahira mw’izina ryanje, bavuga bati: ‘Ni ukuri nk’uko Uhoraho ari muzima,’ naho babanje kwigisha abantu banje ngo barahire mw’izina rya Bayali, nuko bazoronka ikibanza mu bantu banje.17Ariko nihagira ihanga na rimwe ritumvira, nzorirandura rwose kandi ndariherengeteze,” ni ko Uhoraho avuze.Biblica, Inc.