Hoseya8
Isirayeli azokwimbura agashururu
1Shira inzamba ku munwa!Umwansi amanutse nk’inkona ku nzu y’Uhorahokuko abantu barenze kw’isezerano ryanjebakagarariza ivyagezwe vyanje.2Abisirayeli barantakambira bavuga bati:“Ewe Mana, turakwemeye!”3Ariko Isirayeli yataye ivyari vyiza;nuko rero umwansi azomuhiga.4Biyimikiye abami batangishije inama;batoranije abaganwa ntabahaye uruhusha.Bakoresha ifeza n’inzahabu vyabomu gucura ibigirwamanabizotuma bahona.5Yewe Samariya, terera kure ikigirwamana cawe c’inyana!Uburake bwanje burarurumvye kubera vyo.Uzogeza ryari kugendera mu bidatunganye?6Umwisirayeli ni we yakubumbiye iyo nyana,ariko ni jewe Mana jenyene.None rero izomenagurwa, ijanjagurike,iyo nyana y’i Samariya.7“Babivye umuyaga,bazokwimbura agashururu.Ingano zabo nta ntete ziriko;ntizizovamwo ifu.Naho zokwera imbuto,abanyamahanga ni bo bazozirira.8Abisirayeli baramizwe;ubu iyo bari mu mahanga bameze nk’inkono itagira ikimazi.9Kuko baduze bakaja muri Ashuri,bagiye kurya kw’indogoba yo mw’ishamba yangara yonyene.Efurayimu yishoye ku bandi bagabo yikundiye.10Naho bishoye mu mahanga bakifatanya na benshi,ngiye kubegeraniriza hamwe ndabacire urubanza.Bazoremerwa canebari musi y’agacinyizo k’umwami ahambaye.11Naho Efurayimu yubatse ibicaniro vyinshi vyo gutanga ibimazi vy’ivyaha,vyahindutse ibicaniro vyo gukora ivyaha.12Nabandikiye vyinshi mu vyagezwe vyanje,ariko babiravye nk’ikintu c’icaduka.13Naho batanga ibimazi nk’ishikanwa bampaye,kandi naho baheza bakarya inyama,Uhoraho ntibamuhimbara.Ubu nzokwibuka ibibi vyabondabahanire ivyaha vyabo:bazosubira muri Egiputa.14Abisirayeli bibagiye Umuremyi wabomaze bubaka ibirimba bihambaye;Abayuda bakomeje ibisagara vyabo.Ariko nzotuma umuriro ku bisagara vyabouzotongora iminara yabo.”Biblica, Inc.