Hoseya9
Guhanwa kwa Isirayeli
1Ntunezerwe, Isirayeli;ntutwarwe n’akanyamuneza nk’ayandi mahanga.Kuko wahemukiye Imana yawe;ugakunda ingero igererwa marayausenga ibigirwamana ku mbuga yose yo kugosorerako.2Ku bw’ivyo, imbuga zo kugosorerakon’amato yo kuganiramwo ntibizoshobora kugaburira abantu;umutobe musha nta wo bazobona.3Ntimuzoguma mu gihugu c’Uhoraho;Efurayimu azosubira muri Egiputakandi azorya ivyokurya bihumanye vyo muri Ashuri.4Ntibazosukira Uhoraho ishikanwa ry’umuvinyu,canke ngo ibimazi vyabo bimuhimbare.Ibimazi nk’ivyo bizobabera nk’ivyokurya vy’abagandaye;abazobirya bose bazoba bahumanye.Ivyo ni vyo bizoba ivyokurya vyabo ubwabo;ntibizoza mu Ngoro y’Uhoraho.5Mbega muzokora iki ku misi mikuru yanyu yashinzwe,ku misi mikuru y’Uhoraho?6Naho bokira gutikiza kwa Ashuri,Egiputa izobegeranya,Memfisi na yo izobahamba.Ubutunzi bwanyu bw’ifeza buzorengerwa n’imikere,amahwa na yo azomera mu mahema yanyu yasanganguwe.7Imisi yo guhana Isirayeli iraje,imisi yo kugerera umuntu iri hafi.Abisirayeli nimubimenye.Kuko ivyaha vyanyu ari vyinshi canen’ubwansi bwanyu bukaba bwinshi.Uwuvugishwa n’Imana mumufata nk’ikijuju,kandi uwuhumekerwa nanje mumufata nk’umusazi.8Uwuvugishwa n’Imana ari kumwe n’Imana yanje,ni umuteramyi ateramiye Efurayimu,ariko mwamuteze imitego mu nzira ziwe acamwo,n’ubwansi mu nzu y’Imana yiwe.9Mwinjiye i bwina mu bibi,nko mu misi ya Gibeya.Imana izokwibuka ibibi vyabo,yongere ibahanire ivyaha vyabo.10“Aho natora Isirayeli,kwari nk’ugutora inzabibu mu bugaragwa;aho nabona ba sogokuruza banyu,kwari nk’ukubona ivyamwa vyeze imbere y’ibindi ku musukoni.Ariko bashitse i Bayali-Peyori,bifatanije na ca kigirwamana Bayali giteye isonibaca baba abo kwankwa urunuka nk’ico kintu bari bifatanije.11Ubwiza bwa Efurayimu buzoguruka nk’inyoni,nta kuvuka, nta gutwara inda, nta n’ugusama inda.12Kandi naho boronka abana,nzobahonya bose nta wuzosigara.Bazoba bagoweaho nzobaterera ibitugu!13Nabonye Efurayimu, hameze nk’i Tiro,hasharijwe nk’ahantu h’igikundiro.Ariko Efurayimu we azosohokana hanzeabana biwe ngo batemagurwe.”14Ewe Uhoraho, bahe,mbega wobaha iki?Bahe inda zisamwa ariko zigakorokan’amabere atagira amaberebere.15“Kubera ibibi vyabo vyose bakoreye i Gilugali,aho ni ho nabankiye.Kubera ibikorwa vyabo bibi,nzobasohora bamvire mu nzu.Sinzosubira kubakunda;abatware babo bose ni abagarariji.16Efurayimu ararashwe,imizi yiwe irakabiranye,kandi ntibazokwama ivyamwa.Naho bovyara abana,nzokwicisha inkota uruvyaro rwabo bakunda cane.”17Imana yanje izobahebakuko batamwumviye;bazoba inyererezi mu mahanga.Biblica, Inc.