Hoseya7

1Igihe cose nzokiza Abisirayeli,ivyaha vya Efurayimu bizoshirwa ahabona,n’ibibi vya Samariya bihishurwe.Bakora ivyo kubesha,abasuma bamena amazu,abambuzi na bo bakiba bari mu mabarabara;2ariko ntibamenyeko nibuka ibikorwa vyabo bibi vyose bakora.Ivyaha vyabo birabatwikiriye;vyama imbere yanje imisi yose.
3Banezereza umwami n’ibibi vyabo,n’abaganwa mu vyo bababesha.4Bose ni abasambanyi,bashuha nk’ifuruuwotsa imikate adakeneye kwongera kwatsa,iguma ishushe kugeza igikandu c’ifu gikakamye.5Ku musi wo kwigina umwami wacuabaganwa barengerwa n’umuvinyu,maze umwami agafatana amaboko n’abamucokora.6Imitima yabo ishuha nk’ifuru y’imikate;bamwegerana uruhendo.Ishavu ryabo riba riryamye ijoro ryose;mu gitondo rikavyuka kurya kw’umuriro utongora.7Bose barashushe nk’ifuru y’imikate;bashihagura abatware babo.Kandi abami babo bose baratembagajweariko nta n’umwe anyambaza.
8Efurayimu yivanze n’amahanga;Efurayimu ameze nk’umukate utahindukijwe mu kwotswa.9Abanyamahanga bamaze inkomezi ziwe,ariko nta vyo abona.Umushatsi wiwe wahindutse imvi,ariko nta na kimwe azi.10Ubwishime bwa Isirayeli ni bwo bubagiriza,ariko naho bimeze ukontahindukirira Uhoraho Imana yiwecanke ngo amurondere.
11Efurayimu ameze nk’inuma,y’ikijuju itazi iyo ija,batabaza Egiputa,hanyuma bagahindukirira Ashuri.12Bakigendayo, nzobatererako urusenga rwanje;nzobatsinda hasi nk’inyoni zo mu kirere.Igihe nzobumva bariko bariyegeranya,nzobafata.13Baragowe,kuko bazimiye bakaja kure yanje!Uguhona kurabashitseko,kuko bangararije!Ndipfuza kubacunguraariko bavuga ibinyoma kuri jewe!14Ntibantakambira bivuye mu mitima yabo,ariko baborogera ku mariri yabo.Bakoranira hamwe gusaba imana z’amahangabasaba ingano n’umuvinyu mushaariko bakanja kure.15Narabigishije kandi ndabakomeza,ariko bangiriye inama mbi.16Ntibahindukiriye Iyisumbavyose;bameze nk’umuheto ugoramye.Abatware babo bazokwicwa n’inkotaku bw’amajambo yabo y’ubweruzi.Kubera ivyo bazocokorwabari mu gihugu ca Egiputa.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e