Zaburi108

Ni indirimbo. Ni Zaburi ya Dawidi.

1Umutima wanje urashikamye ewe Mana;nzoririmba ncurarange n’umushaha wanje wose.2Ewe nanga nawe kembe, nimwikangure!Nzovyura umutwenzi.3Ewe Uhoraho, nzoguhimbaza mu moko menshi;nzokuririmba ndi mu mahanga.4Kuko urukundo rwawe ari rwinshi, rushika no mu majuru;ubwizigirwa bwawe bushika no mu birere.5Nushirwe hejuru, ewe Mana, hejuru y’amajuru;icubahiro cawe gikwire kw’isi yose.
6Dutabarishe ukuboko kwawe kw’i buryo, kandi utwishure;kugira ngo abo ukunda bakire.7Imana yavugiye ahera hayo iti:“Mu kunesha kwanje nzogaburamwo ibice Shekemu,kandi nzogeresha umugozi ikiyaya c’i Sukoti.8Gileyadi ni uwanje, kandi Manase ni uwanje;Efurayimu ni we nkofero yanje,Yuda ni icumu ryanje ry’ubugabe.9Mowabu ni ibesani niyogeramwo,kuri Edomu ni ho nkunkumurira ibirato vyanje;Kuri Filisitiya ni ho nivugira amazina yo kunesha.”
10Ni nde azonshikana mu gisagara gikikujwe inzitiro?Ni nde azondongora gushika kuri Edomu?11Mbega si wewe ga Manawadutaye, Ntube ukijana n’ingabo zacu ku rugamba?12Dufashe kugwanya umwansi,kuko ugutabara kw’abantu ata co kumaze.13Turi kumwe n’Imana tuzonesha intambara,Kandi izosiribanga abansi bacu.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e