Zaburi107
1Nimushimire Uhoraho, kuko ari mwiza;urukundo rwiwe rwamaho ibihe bidashira.2Abacunguwe n’Uhoraho nibashinge iyo intahe;abo yacunguye akabakura mu kuboko kw’umwansi,3abo yegeranije abakura mu bihugu,mu buseruko no mu burengero, mu buraruko no mu bumanuko.4Bamwe bayerera mu bugaragwa, kw’isi igadutse,ntibabona inzira yobashikana mu gisagara boshobora kubamwo.5Bari bashonje kandi banyotewe,bari bihebuye.6Maze mu magorwa yabo, batakambiye Uhoraho,na we arabakiza, abakura mu marushwa yabo.7Yabarongoreye mu nzira igororotseabajana mu gisagara bari bagiye kubamwo.8Abo nibashime Uhoraho ku bw’urukundo rwiwe rudashira,n’ibikorwa bihambaye yakoreye abana b’abantu,9kuko amara inyota abanyoteweagahaza ivyiza abashonje.10Bamwe bicara mu mwiza, umwijima w’urupfu,ari imbohe ziri mu mubabaro mu minyororo y’ivyuma,11kuko batumviye ivyo Imana yategetsebagakengera imigambi y’Iyisumbavyose.12Nuko ibashira ku bikebere;baratsitara, ntibaronka uwo kubatabara.13Maze mu magorwa yabo batakambira Uhoraho,na we arabakiza, abakura mu marushwa yabo.14Yabakuye mu mwijima, umwijima w’urupfu,acagagura iminyororo yabo.15Abo nibashime Uhoraho Ku bw’urukundo rwiwe rudashira,n’ibikorwa bihambaye yakoreye abana b’abantu,16kuko yamenye inzugi z’imiringaagacagagura ibihindizo vy’ivyuma.17Bamwe babaye ibipfu kubera inzira zabo mbibagira amagorwa ku bwo kugabitanya kwabo.18Banka kurya indya zosebituma begereza ku marembo y’urupfu.19Maze mu magorwa yabo batakambira Uhoraho,na we arabakiza, abakura mu marushwa yabo.20Yarungitse ijambo ryiwe, arabakiza;arabatabara abakuye mu rupfu.21Abo nibashime Uhoraho Ku bw’urukundo rwiwe rudashira,n’ibikorwa bihambaye yakoreye abana b’abantu.22Nibamushikanire ibimazi vy’ishimwebavuge ivyo yakoze mu ndirimbo z’umunezero.23Bamwe bagiye n’ubwato mu kiyaga;bari abadandaza hejuru y’amazi y’inkomezi.24Babonye ibikorwa vy’Uhoraho,ibitangaza yakoreye i bwina.25Kuko yavuze akavyura umuyagawavyuye imipfunda.26Baraduze baja hejuru bongera baramanuka i bwina;muri ayo marushwa barihebura.27Barazunguriwe, baradandabagirana nk’imborerwa;bari babaye nk’abatagira ubwenge.28Maze mu magorwa yabo, batakambiye Uhoraho,na we abakura mu marushwa yabo.29Yahagaritse ingunza y’amazi;imikuba iratekereza.30Baranezerewe aho catekereza,na we arabarongora abashitsa aho bipfuza gushika.31Abo nibashime Uhoraho Ku bw’urukundo rwiwe rudashira,n’ibikorwa bihambaye yakoreye abana b’abantu.32Nibamushire hejuru bari mw’ikoraniro ry’abantubamuhimbarize mw’ikoraniro ry’abakuru.33Yahinduye inzuzi ubugaragwa,imigezi itemba ayihindura isi igadutse,34isi yimbuka nayo ayihindura igihugu c’umunyu,kubera ibibi vy’abahaba.35Yahinduye ubugaragwa amariba y’amazin’isi igadutse ahantu h’amariba;36aho ni ho yahaye abashonje kubaho,maze bubaka igisagara aho kuba.37Babiba mu mirima batera n’imizabibubimbura vyinshi;38abaha umugisha, n’ibitigiri vyabo birongerekana,kandi ntiyemera ko amasho yabo agabanuka.39Hanyuma igitigiri cabo kiragabanuka, bacishwa bugufin’agahahazo, ivyago n’umubabaro;40Imana ituma abaganwa bamaramaraituma bangara mu bugaragwa butagira inzira.41Ariko yakuye abakene mu mubabaro waboaca agwiza imiryango yabo nk’imikuku.42Abatunganye barabibona baranezerwa,ariko abanyakibi bazibwa akanwa.43Nihaba hariho umunyabwenge niyiyumvire kuri ivyokugira ngo atahure ibikorwa vy’urukundo vy’Uhoraho.
Biblica, Inc.