Zaburi109

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni iya Dawidi. Ni Zaburi.

1Mana, wewe mpimbaza,ntucereze,2kuko abantu babi kandi b’ingungebuguruye akanwa kabo ngo bangwanye;bavugishije indimi zabo bambeshera.3Barankikuje bavuga amajambo y’urwanko;banteye ata nyanduruko.4Aho kunkunda nk’uko ndabakunda, baranyagiriza,ariko ndi umuntu asenga.5Banyishuye ibibi ku vyiza nabakoreye,n’urwanko mu gishingo c’urukundo.
6Tuma uwo kugwanya umwansi wanje;uwumwagiriza nahagarare i buryo bwiwe.7Niyacirwa urubanza, natsindwe,kandi amasengesho yiwe amutsindishe.8Ese imisi yiwe yoba mike;agasubirizwa mu mabanga yiwe y’uburongozi.9Ese abana biwe boba impfuvyiumugore wiwe na we akaba umupfakazi.10Ese abana biwe bokwama bangara basega;bakirukanwa bakava mu mazu yabo yahindutse imisaka.11Ese uwo aheraniye yofata ivyo afise vyose;abanyamahanga bagasahura ivyo yaruhiye vyose.12Ese yobura n’umwe amugirira nezacanke ngo agirire akagongwe impfuvyi ziwe.13Ese uruvyaro rwiwe rwohona,amazina yabo agasibanganywa mu bo mu runganwe ruzoza.14Ese ukugabitanya kwa ba sekuruza kwokwibukwa imbere y’Uhoraho;icaha ca nyina nticigere gisibanganywa.15Ese ivyaha vyabo vyokwama imbere y’Uhoraho imisi yose,kugira ngo asibanganye amazina yabo mw’isi.
16Kuko atigeze yiyumvira ivyo kugira neza,ariko yababaje umukene gushika ku rupfun’umugorwa n’uwufise umutima umenetse.17Yakunze kuvuma;nibimugarukeko.Ntiyanezererwa no guhezagira;nibibe kure yiwe.18Yambara kuvuma nk’impuzu;kwinjiye mu mubiri wiwe nk’amazi,no mu magufa yiwe nk’amavuta.19Nikube nk’ikoti izingiriwe kuri we,nk’umukanda akenyeje ibihe vyose.20Ivyo nibibe ingero Uhoraho aha abanyagiriza,abamvuga nabi.
21Ariko wewe Uhoraho Nyeninganji,ntabara kubera izina ryawe;ku bwo kugira neza kw’urukundo rwawe, nkiza.22Kuko ndi umukene n’umugorwa,kandi umutima wanje unkomerekeyemwo.23Ndiko ndahera numva kurya kw’igitutu co ku mugoroba;bampiga nk’uko bahiga inzige.24Amavi yanje adendebuwe no kwisonzesha;umubiri wanje uranyankabiranye kubera kwonda.25Abanyagiriza barancokora;iyo bambonye bazunguza imitwe.
26Mfasha, Uhoraho Mana yanje;unkize kubera urukundo rwawe rudashira.27Nibamenye ko ari wewe n’ukuboko kwaweUhoraho, ko ari wewe wabikoze.28Nibavuma, wewe urahezagira;abantera nibakorwe n’isoni,ariko abasavyi bawe nibanezerwe.29Icompa abanyagiriza bakicwa n’isonibakambara ibiteterwe nk’ikoti.
30Nzoshira ijwi hejuru nshima Uhoraho;nzomuhimbariza mw’ikoraniro rinini.31Kuko ahagaze i buryo bw’abakene,ngo abakize amaboko y’abagomba kubatsindisha.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e