Zaburi106

1Haleluya.Nimushime Uhoraho kuko ari mwiza;kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe bidashira.
2Ni nde ashobora kumenyekanisha ivyo Uhoraho yakozecanke ngo amuhimbaze nk’uko bikwiye?3Hahiriwe abakora ibitunganye,bakama bakora ibigororotse.
4Ewe Uhoraho, uranyibuka niwagirira imbabazi abantu bawe,uze untabare niwabakiza,5kugira ngo nezererwe amahirwe y’abo watoranije.Kugira ngo nsangire umunezero n’ihanga ryawenifatanye n’ishamvu yawe mu kugutazira.
6Twaracumuye, nk’uko ba sogokuruza bakoze;twakoze ibitabereye dukora ibibi.7Igihe ba sogokuruza bari muri Egiputa,ntibamenye ibitangaza wakoze;ntibibutse ivy’ukugira neza kwawe kwinshi,maze baragarariza bari ku kiyaga, Ikiyaga Gitukura.8Ariko arabakiza kubera izina ryiwe,ngo amenyekanishe ubushobozi bwiwe.9Yakankamiye Ikiyaga Gitukura, maze kiruma;yabacishije i bwina nko mu bugaragwa.10Yarabakijije abakura mu kuboko kw’umwansi;arabacungura abakura mu kuboko k’uwabagwanya.11Amazi arengera ababahiga;nta n’umwe wo muri bo yarokotse.12Nuko bizera amasezerano yiwebaririmba ishimwe ryiwe.
13Ariko baca bibagira vuba ivyo yari yabakoreyentibarindira ko ashira mu ngiro umugambi wiwe.14Mu bugaragwa bagiye mu vyo kwipfuza kwabo;mu bweranyange bagerageje Imana.15Nuko ibaha ivyo basavye,ariko ibarungikira ikiza gihonya.
16Bari aho bacumbitse bagiriye ishari Mosehamwe na Aroni, uwari yatoranirijwe Uhoraho.17Isi irasama imira Datani;ihamba umugwi wa Abiramu.18Umuriro wadutse mu babakurikira;urubeya rwarigase abanyakibi.19I Horebu bacuze imasabasenga ikigirwamana cacuzwe mu butare.20Baguza Imana yabo y’ubwizaigishushanyo c’impfizi, irisha ubwatsi.21Bibagira Imana yabakijije,yakoze ibihambaye muri Egiputa,22ibitangaza mu gihugu ca Hamun’ibikorwa bihambaye ku Kiyaga Gitukura.23Nuko avuga ko azobahonya;iyo Mose, uwo yatoranije,adahagarara mu gihengeri imbere yiwekugira ngo uburake bwiwe ntibubarigate.
24Mu nyuma banka igihugu ciza;ntibizera isezerano ryiwe.25Baridodomvye bari mu mahema yabontibubaha Uhoraho.26Aca arahira amanitse ukuboko kwiweko azobahonereza mu bugaragwa,27agatuma uruvyaro rwabo rugwa mu banyamahangaakabasanzariza mu bihugu.
28Bifatanije na Bayali y’i Peyorimaze barya ivyaterekerejwe imana zitagiramwo ubuzima;29bavyura uburake bw’Uhoraho kubera ibikorwa vyabo bibi,haca haduka ikiza muri bo.30Ariko Finehasi arahaguruka ngo ahane uwacumuye,ico kiza gica kirahagarara.31Ivyo yabiharuweko nk’ukugororokauko urunganwe ruzokurikirana n’urundi ibihe vyose.32Bashavuje Uhoraho bari ku mazi y’i Meriba,ivyago biza kuri Mose kubera bo;33kuko batumviye Mpwemu w’Imana,bituma Mose yadukana amajambo atiyumviriye.
34Ntibaranduye amahangank’uko Uhoraho yari yababariye,35ariko bivanga n’ayo mahangabigana ingeso zabo.36Basenga imana zabo,na zo zibabera umutego.37Bashikanira izo manaabahungu n’abakobwa babo.38Basesa amaraso y’abatagira icaha,amaraso y’abahungu n’abakobwa babo,abo bashikaniye ibigirwamana vy’i Kanani nk’ibimazi,maze ayo maraso ahumanya igihugu.39Bihumanishije ivyo bakoze;bacika abasambanyi kubera ibikorwa vyabo.
40Ni co catumye Uhoraho ashavurira abantu biwe,azinukwa umugabane wiwe.41Yabarekuriye mu maboko y’amahanga,maze abansi babo barabaganza.42Abansi babo barabacinyizababa musi y’ububasha bwabo.43Yabatabaye kenshi,ariko bashishikara kumugararizakandi baguma bamucumurako.44Ariko yumvise umubabaro waboigihe yumva ugutakamba kwabo;45Ku bwabo yibutse isezerano ryiwemaze kubera urukundo rwiwe rwinshi arigarura.46Yatumye ababagize abaguranobabagirira akagongwe.
47Dukize, Uhoraho Mana yacu,twegeranye udukure mu mahanga,kugira ngo dushime izina ryawe ryeraTwongere tuguhimbaze.
48Uhoraho, Imana ya Isirayeli, ahimbazwe,uhereye ibihe bidashira ukageza ibihe bidashira.Abantu bose nibavuge bati: “Amen.”Haleluya.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e