Zaburi105
1Nimuhimbaze Uhoraho, mwamamaze izina ryiwe;mumenyekanishe mu mahanga ivyo yakoze.2Nimumuririmbire, mumuhimbaze;muvuge ibikorwa vyiwe bihambaye.3Mwirate izina ryiwe ryera;imitima y’abarondera Uhoraho inezerwe.4Nimurondere Uhoraho n’inkomezi ziwe;mwame murondera mu nyonga hiwe.5Nimwibuke ibitangaza yakoze,utwumiza, n’imanza yaciye;6yemwe ruvyaro rwa Aburahamu, umusavyi wayo;yemwe bene Yakobo, abo yatoranije.7Uhoraho ni we Mana yacu;imanza ziwe ziri mw’isi yose.8Yama yibuka isezerano ryiwe ibihe vyose,n’ijambo yasezeranye, gushika ku runganwe rugira igihumbi,9Isezerano yagiranye na Aburahamu,indahiro yarahiye Isaka.10Yararyemeje kuri Yakobo nk’itegeko,no kuri Isirayeli nk’isezerano ry’intahava ngo:11“Nzoguha igihugu c’i Kanani,kibe umugabane wawe uzoragwa.”12Igihe bari bakiri inkehwa gusa,mbere ari inkehwa vy’ukuri, kandi ari inyambukira muri co,13Bagenda bangara bava mu gihugu baja mu kindi,bava mu bwami baja mu bundi.14Ntiyakundira umuntu n’umwe kubacinyiza;ku bwabo yakankamiye abami ati:15“Ntimukore ku bo narobanuje amavuta;ntimugirire nabi abavugishwa banje.”16Yahamagaye ikigoyi mu gihuguasambura ibigega vyabo vy’indya vyose;17maze urungika umuntu imbere yabo;ni Yosefu yagurishijwe nk’umugurano.18Baboshe amaguru yiwe mu minyororo,izosi ryiwe rishirwa mu vyuma,19kugeza ivyo yari yaravuze bishitse,kugeza ijambo ry’Uhoraho ryemeje ko yavuze ukuri.20Umwami atumako baramurekura,abakuru bo mu bantu bamuha kwidegemvya.21Amuhindura uwuganza abo mu rugo rwiwe,uwuganza ivyo yari atunze vyose,22ngo yigishe abaganwa biwe nk’uko bimuhimbayekandi ngo yigishe abatware baho ubwenge.23Maze Isirayeli yinjira muri Egiputa;Yakobo aba inyambukira mu gihugu ca Hamu.24Uhoraho atuma abantu biwe bagwira;atuma baba benshi ku bansi babo,25abo yatumye imitima yanka abantu biwe,ngo bagire inama yo kubagirira nabi.26Yatumye Mose umusavyi wiwe,na Aroni, uwo yari yaratoranije.27Bakora ibitangaza muri bo,n’utwumiza mu gihugu ca Hamu.28Yarungitse umwijima apfuka igihugu cabo cose;kuko bari bamugararije.29Yahinduye amazi yabo amaraso,bituma amafi yabo apfa.30Igihugu cabo cuzuye ibikere,biraduga no mu buriri bw’abatware babo.31Yaravuze, haca hatera ibibugu,imibu ikwira igihugu cose ca Egiputa.32Yahinduye imvura yabo urubura,imiravyo iboneka mu gihugu cabo cose;33yahungururiye hasi imizabibu n’imisukoni vyaboavunagura ibiti vyo muri Egiputa.34Yaravuze, maze inzige ziraza,intoteza zitagira igitigiri;35zirya ibitotahaye vyose vyo mu gihugu cabo,zirya ivyimburwa bimera kw’isi yabo.36Maze yica abana b’imfura bo mu gihugu cabo,ivyamwa vya mbere vyo mu buto bwabo.37Yasohoye Isirayeli, bagenda bikoreye ifeza n’inzahabumu bo mu miryango yabo nta n’umwe yatsitaye.38Egiputa bari banezerewe igihe bagendakuko bari batekewe n’ubwoba kubera Abisirayeli.39Yagaranzuye igicu co kubapfuka,n’umuriro wo kubamurikira mw’ijoro.40Barasavye, na we abaha inkware;yarabagaburiye barahaga umukate uvuye mw’ijuru.41Yasatuye igitandara, amazi aradudubiza;atemba nk’uruzi mu bugaragwa.42Kuko yibutse isezerano ryiwe ryerairyo yahaye umusavyi wiwe Aburahamu.43Yasohoye abantu biwe banezerewe,abo yitoranirije bavuza impundu z’umunezero;44yabahaye igihugu c’amahanga,barazwe ico abandi bahabiye;45kugira ngo bitondere ivyo yihanikirijebagendere mu vyagezwe vyiwe.Uhoraho ahimbazwe.
Biblica, Inc.