Imigani30
1Aya ni amajambo ya Aguri mwene Yake, uwavugishijwe.Uwo yabariye Utiyeli, Itiyeli na Ukali, ati:“Ndatuntuye, ewe Mana,ndatuntuye kandi ndarushe, ewe Mana.2Ndi ikijuju kurusha abandi bose,singira ugutahura kw’abantu.3Sinigishijwe ubwenge,kandi sinzi Uwera.4Ni nde yagiye mw’ijuru hanyuma akagaruka?Ni nde yegeranirije umuyaga mu kiganza ciwe?Ni nde yegeranirije amazi mu mutamana wiwe?Ni nde yashizeho impera z’isi?Izina ryiwe ni nde, kandi imfura yiwe ni nde?Mbarira nimba ubizi!5Ijambo ry’Imana ryose ni iryo kwizerwa;ni inkinzo ku bayihungirako.6Ntihagire ico uzokwongera ku majambo yayo,ahandi ho izoguhana ikwereke ko uri umubeshi.7Hari ibintu bibiri ngusaba, ewe Mana;kandi ntubinyime nkiriho:8undinde ibinyoma n’ububeshi, bimbe kure;ntumpe ubukene canke ubutunzi bwinshi,ariko umpe ibinkwiye buri musi.9Nohava ntunga nkakugaya,nti Uhoraho ni iki?Canke nkaba umukene nkiba,nkatukisha izina ry’Imana yanje.10Ntukavuge nabi umukozi imbere ya shebuja,kuko azokuvuma, kandi uzohanirwa icaha cawe.11Hari abavuma ba se,kandi ntibahezagire ba nyina,12bakibwira ko ari beza,kandi batikuyeko imyanda ibariko;13bafise amaso y’ubwibone,barabira abandi hasi.14Hari abafise amenyo ameze nk’inkota,imibangabanga yabo irimwo imbugita.Batabagura aboro kw’isi,abakene bakabatabagurira mu bantu.15Umuyoka ufise abakobwa babiri.Barasemerera bati: ‘Zana! Zana!’Hari ibintu bitatu bidahaga, n’ica kane kitigera kivuga kiti: ‘Geza aho’:16imva, inda y’ingumba, isi idahaga amazi, hamwe n’umuriro utigera uvuga uti: ‘Geza aho!’17Ijisho ry’uwugaya se,rigakengera nyina ashaje,rizonokorwa n’ibikona vyo mu biyaya,riribwe n’ibinyakabaka.18Hari ibintu bine bintangaza cane, mbere ni bine ntatahura:19inzira y’inkona mu kirere, inzira y’inzoka ku gitandara, inzira y’ubwato mu kiyaga, n’inzira y’umusore ku nkumi.20Uku ni ko umusambanyikazi abigenza:ararya hanyuma akihanagura,maze akavuga ati: ‘Nta kibi nigeze nkora.’21Hari ibintu bitatu bijugumiza isi, mbere ni bine idashobora kwihanganira:22umugurano abaye umwami, igipfu cujuje ivyokurya,23umugore atisonera mugabo akarongorwa, hamwe n’incoreke isubirira inabuja.24Hari ibintu bine bitobito kw’isi, ariko biciye ubwenge cane:25Ibimonyo ni udukoko dutoduto, ariko biriziganiriza ivyokurya vyo mu ci;26inkezi ni uturemwa tw’utunyantegenke, ariko twubaka inzu yatwo mu gitandara,27inzige ntizigira umwami, ariko zigira hamwe mu migwi;28umuserebanyi ushobora gufatishwa amaboko, ariko uwusanga mu birimba vy’abami.29Hari ibinyabuzima bitatu bitambuka neza, mbere ni bine bigenda birashonyanga:30intare, ikomeye gusumvya ibindi bikoko, itigera ihunga na kimwe,31isake ihagaze ku maguru yayo, isuguru y’impene, hamwe n’umwami agendera imbere y’ingabo ziwe.32Iyo wigize igipfu ukishira hejuru,canke ugategura gukora ikibi,pfuka n’urushi akanwa kawe.33Kuko nk’uko amata aterewe avamwo amavuta,izuru rikubiswe rikava umwuna,ni ko kuratsa umuntu bitera ibihari.”
Biblica, Inc.