Imigani29

1Uwugamika izosi akanka guhanurwa,azovunagurwa vuba, ata gitabara.
2Iyo abagororotsi bagiye ku butegetsi, abantu baranezerwa;ariko iyo umunyakibi atwaye, abantu baraboroga.
3Uwukunda ubwenge azanira umunezero se,ariko uwugendana n’abasambanyi yisesagurirako itunga ryiwe.
4Iyo umwami aca izibereye, aha impore igihugu,ariko uwukunda ibiturire aragitabagura.
5Uwuhenda umubanyi wiweaba ateze umutego ibirenge vyiwe.
6Umunyakibi agwa mu mitego yiwe,ariko umugororotsi araririmba akanezerwa.
7Umugororotsi yitwararika gucira abakene iziroranye,ariko umunyakibi nta bwenge bwo kubimenya agira.
8Abacokoranyi bagumura igisagara,ariko abanyabwenge bakuraho uburake.
9Iyo umunyabwenge ajanye ikijuju imbere y’intahe,gishobora kuraka canke kigatwenga, nta co abikuramwo.
10Abasesa amaraso banka inyankamugayo,kandi bica abagororotsi.
11Igipfu cirata uburake bwaco,ariko umunyabwenge arabuhwamika.
12Iyo umutegetsi yumvirije ibinyoma,abatware biwe bose baba babi.
13Umukene n’uwumucinyiza bafise ico bahurirako:Uhoraho ni we aha amaso yabo bompi kubona.
14Umwami niyacira izibereye abakene,inganji yiwe izohoraho.
15Inkoni yo guhana itanga ubwenge,ariko umwana atarezwe amaramaza nyina.
16Iyo umunyakibi ateye imbere, n’icaha ni uko,ariko umugororotsi azokwihweza ukugwa kwiwe.
17Toza indero umwana wawe, na we azoguha amahoro;azonezereza umutima wawe.
18Iyo ata yerekwa rihari, abantu barazimira;ariko hahiriwe umuntu agendera mu vyagezwe.
19Umukozi ntakosorwa n’amajambo gusa,n’iyo yumvise ico abwiwe ntagishirako umutima.
20Hari ivyizigiro ku muntu w’igipfu,kurusha uwuvuga atiyumviriye.
21Uwufyinisha umukozi wiwe akiri muto,amutera kugira iherezo ribi.
22Uwihuta kuraka atera imivurungano,kandi uwukaza ishavu akora ivyaha vyinshi.
23Ubwirasi bw’umuntu bumusubiza hasi,ariko uwicishije bugufi arubahwa.
24Uwifatanya n’umusuma aba yiyanka,urahira ko uvuga ukuri, kandi utari bukuvuge.
25Gutinya abantu bita mu mutego,ariko abizera Uhoraho barawusimba.
26Abantu benshi barondera kwakirwa n’umutware,ariko gucirwa iziroranye bitangwa n’Uhoraho.
27Abagororotsi banka uburyarya,ariko abanyakibi banka abubaha Imana.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e