Indirimbo5

1Ninjiye mu murima wanje, mushikanje, mugeni wanje;negeranije isenga ryanje n’ibimota neza vyanje.Nariye n’ikigigu c’ubuki canje n’ubuki bwanje;nanyoye umuvinyu wanje n’amata yanje.AbagenziNimurye, yemwe bagenzi, kandi munywe;nimunywe muhage, ivy’urukundo.2Nari nsinziriye ariko umutima wanje uri maso.Nca numva umukunzi wanje ariko aradodora:“Nyugururira, mushikanje, mukunzi wanjekanuma kanje, utagira agatosi.Kuko umutwe wanje watonzeko urume,umushatsi wanje ukaba watonzweko n’amatonyanga yo mw’ijoro.”3Ko namaze kwambura umwambaro wanje,noshobora gusubira kuwambara?Ko namaze kwoga ibirenge,nosubira kuvyanduza?4Umukunzi wanje acisha ukuboko mu rugi;umutima wanje utangura gusimba ku bwiwe.5Ndavyuka ngo nugururire umukunzi wanje,kandi ibiganza vyanje vyajobetswe mu bimota neza,intoke zanje zajejeta isenga,aho nugurura urugi.6Maze nugururira umukunzi wanje,ariko umukunzi wanje si ho yari; yari yagiye.Umutima wanje unshongeramwo kuko yagiye.Ndamurondera ariko sinamuronka.Ndamuhamagara ariko ntiyishura.7Abarinzi baramfataaho bariko baragenzura igisagara.Barankubita, barankomeretsa;bantwara ikoti yanje,abo barinzi b’inzitiro!8Yemwe bakobwa b’i Yerusalemu, ndabihanikirije,mbega nimwambonera umukunzi wanje,muza kumubwira iki?Mumubwire ko urukundo rundembeje.9Umukunzi wawe arusha iki abandi,yewe wewe urusha abandi ubwiza?Umukunzi wawe aruta abandi gute,kugeza aho utwihanikiriza bigeze iyo?10Umukunzi wanje ni mwiza kandi arakomeye,arisa wenyene mu bantu ibihumbi cumi.11Umutwe wiwe ni inzahabu yamazwe inkamba;umushatsi wiwe uratsivyekandi urirabura nk’igikona.12Amaso yiwe ni nk’ay’intunguruiyo turi ku migezi y’amazi,tumeze nk’utwogejwe mu mata,duhagaze nk’intete z’ibidede.13Amatama yiwe ni nk’uburiri buriko ibimota nezabugatamirana ibimotesha.Iminwa yiwe ni amashurweatemba isenga.14Amaboko yiwe ni inkoni z’inzahabuzisharijwe n’utubuye twitwa kirisolito.Umubiri wiwe umeze nk’ihembe ry’inzovurisharijwe n’ibuye ry’agaciro ryitwa lapisi lazuli.15Amaguru yiwe ni nk’inkingi za marubulezashinzwe ku matanguriro y’inzahabu nziza.Mu maso hiwe hasa n’i Libani,hatoranijwe kubera amasederi yaho.16Akanwa kiwe karasosa gusa;eka ni umukundwa hose.Uyu ni umukunzi wanje, umugenzi wanje,yemwe bakobwa b’i Yerusalemu.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e