Indirimbo6

1Umukunzi wawe yagiye hehe,yewe mugore urusha abandi bagore ubwiza?Umukunzi wawe yajanye iyihe nzira,kugira ngo tugufashe kumurondera?2Umukunzi wanje yamanutse mu murima wiwe,ahari ibimota neza vyiwe,kuragira mu mirima,no kwamura amashurwe.3Ndi uw’umukunzi wanje n’umukunzi wanje ni uwanje;aragira mu mashurwe.4Uri mwiza, mukunzi wanje, nk’igisagara c’i Tiriza,uri uw’igikundiro nk’i Yerusalemu,uteye ubwoba nk’ingabo zifise amabendera.5Hindukira ureke kundaba;kuko amaso yawe andengeye.Umushatsi wawe ni nk’umukuku w’impeneumanuka uva i Gileyadi.6Amenyo yawe yera nk’umukuku w’intamazamowe ubwoya, ziduga zivuye kwoga.Imwe yose yonsa amahasa,nta n’imwe iri yonyene.7Amatama yawe ari mu mwitwikiro waweameze nk’ibice vy’ikomamanga.8Abamikazi naho boba mirongo itandatu,n’incoreke zikaba mirongo umunani,n’inkumi zirenze igitigiri;9ariko inanuma wanje, uwutagira agatosi, arisa,ni umukobwa umwe kuri nyina,ni umukundwa cane ku wamuvyaye.Abaguranokazi baramubonye bamwita umuhirwe;abamikazi n’incoreke baramuhimbaza.10Urya ni nde aserutse nk’umutwenzi,mwiza nk’ukwezi, akayagana nk’izuba,akayangana nk’inyenyeri?11Namanutse nja mu biti vy’imirinzingo ndabe imivyaro yo mu kiyaya,ngo ndabe ko uruzabibu rwatotahaye,n’amakomamanga ko yashuritse.12Ariko ntarabimenya,ivyipfuzo vyanje vyantwaye ku mikogote y’umwami w’abantu banje.13Garuka, garuka, wa Munyashulamukazi we;garuka, garuka, kugira ngo tukwihweze!UmukweNi igiki cotuma mwihweza Umunyashulamukazinko mu gihe co gutamba c’i Mahanayimu?

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e