Indirimbo3

1Mw’ijoro ndi ku buriri bwanjenarondeye uwo umutima wanje ukunda;naramurondeye sinamuronka.2Ngira mvyuke ubu nyene nzunguruke mu gisagara,mu mabarabara yaco no mu bibuga vyaco;ndondere uwo umutima wanje ukunda.Maze ndamurondera ariko ndamubura.3Abarinzi barinda igisagara barambonaaho bariko barazunguruka igisagara.“Mwamboneye uwo umutima wanje ukunda?”4Nkibarenganani ho nabona uwo umutima wanje ukunda.Ndamufata kandi nanka kumurekuragushika aho namushikanye mu nzu ya mama,mu cumba c’uwanyibungenze.5Bakobwa b’i Yerusalemu ndabihanikirije,ingeregere n’impongokazi vyo mw’ishamba vyumva:Ntimukome urukundo canke ngo murukangure,gushika rwishakiye kuvyuka.
6Ni nde aje avuye mu bugaragwaameze nk’inkingi y’umwotsi,yisize ibimota nezavyakozwe mu bimota vyose vy’abadandaza?7Raba! Ni umukogote wa Salomo,ukikijwe n’abagwanyi mirongo itandatu,b’intore zo mu Bisirayeli,8bose bambaye inkota,kandi bamenyereye kugwana,umwe wese yambaye inkota yiwe kw’itako,biteguye kugwanya ibiteye ubwoba vyo mw’ijoro.9Umwami Salomo yikoreye umukogote;yawukoze mu biti vy’i Libani.10Ufise inkingi z’ifeza,umushinge wawo ni uw’inzahabu.Intebe yawo yasa n’agahama,imbere muri wo hashazishijwe urukundo n’abakobwa b’i Yerusalemu.11Nimusohoke, yemwe bakobwa b’i Siyoni,murabe umwami Salomo yambaye urugori,urwo nyina yamwambitseku musi w’ubukwe bwiwe,ku musi umutima wiwe wanezerwa.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e