Indirimbo2

1Ndi ishurwe, ikirungu c’i Sharoni,ishurwe ryo mu biyaya.2Nk’uko ishurwe rimera iyo riri hagati mu mahwani ko umukunzi wanje ameze hagati mu bandi bakobwa.3Nk’uko igiti c’ivyamwa vyitwa pome kimera mu biti vyo mw’ishambani ko umukunzi wanje ameze hagati mu bandi basore.Nezerwa no kwicara mu gitutu ciwe,kandi ivyamwa vyiwe biransosera.4Yanjanye mu nzu y’ibirori,aca aduza hejuru yanje ibendera ry’urukundo.5Nsubizamwo intege ukoresheje inzabibu,zimya inyota yanje n’ivyamwa vyitwa pome,kuko urukundo runtwaye inkomezi.6Ukuboko kwiwe kw’i bubamfu kuranseguye,ukuboko kwiwe kw’i buryo kurambumbatiye.7Bakobwa b’i Yerusalemu ndabihanikirije,ingeregere n’impongokazi vyo mw’ishamba vyumva:Ntimukome urukundo canke ngo murukangure,gushika rwishakiye kuvyuka.
8Umviriza! Ndumva umukunzi wanje!Raba! Araje,yiginagura ku misozi,asimbagurika ku dusozi.9Umukunzi wanje ameze nk’ingeregere canke nk’inyana y’impongo.Raba! Ahagaze hariya inyuma y’uruzitiro,arungurukira mu madirisha,arungurukira mu rusika.10Umukunzi wanje ambwira ati:“Haguruka, mukunzi wanje,mwiza wanje, uze aho ndi.11Raba! Urushana ruraheze;imvura irahise iracitse.12Amashurwe arashuritse kw’isi;igihe co kuririmba kirashitse,inuma ziraguguzakandi zirumvikana mu gihugu cacu.13Umusukoni uratanguye kwama;imizabibu ishuritse iratamirana ugutamirana kwayo.Haguruka uze, mukunzi wanje;mwiza wanje, uze aho ndi.”14Kanuma kanje kinyegeje mu bitandara,mu bibundo vyo ku musozi,nyereka mu maso hawe,nyumvisha ijwi ryawe;kuko ijwi ryawe riryoshe,mu maso hawe hakaba ah’igikundiro.15Nimudufatire imbwebwe,utubwebwe dutodutotwonona imizabibu,kandi imizabibu yacu ishuritse.16Umukunzi wanje ni uwanje, nanje ndi uwiwe;aragira mu mashurwe.17Gushika umutwenzi utambitseijoro riheze,hindukira mukunzi wanje,ube nk’ingeregerecanke nk’inyana y’impongomu bitandara vyo ku misozi.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e