Indirimbo1
1Indirimbo iruta izindi ya Salomo.2Nunsomeshe iminwa yawe,kuko urukundo rwawe ruryoshe kuruta umuvinyu.3Ugutamirana kw’ibimota vyawe ni kwiza;izina ryawe ni nk’ibimota neza bisutswe.Ni co gituma abigeme bagukunda.4Nkwega ukuboko, twiruke!Umwami nantware mu cumba ciwe.Abakobwa b’i YerusalemuTurakunezererwa kandi uraduhimbara; mwami.Tuzohimbaza urukundo rwawe kuruta umuvinyu.UmugeniNi vyo birababereye ko bagukunda!5Ndirabura, ariko ndi mwiza,yemwe bakobwa b’i Yerusalemu,nirabura nk’amahema y’i Kedari,nsa n’impuzu nziza zigize amahema ya Salomo.6Ntimunkengere kuko nirabura,kuko nirabujwe n’izuba.Basazanje barandakiyebandungika kurinda imizabibu yabo;maze siniraba jewe ubwanje,kandi sinitaho uruzabibu rwanje.7Mbwira, yewe mukunzi wanje,mbega uragira hehe umukuku wawe uno musi?Mu mashoka uzivyagiza hehe?Ni kubera iki norinda kuba nk’umugore yazimiye,i ruhande y’imikuku ya bagenzawe?8Niwaba utahazi, yewe mugore mwiza kuruta abandi bagore,kurikirana amakanda y’intama zanjekandi uturukirize imyagazi y’impene zawei ruhande y’amahema y’abungere.9Mukunzi wanje, ndakugereranya n’ifarasiikwega umwe mu mikogote ya Farawo.10Mbega ukuntu nkunda amatama yawe, ni meza hagati y’impeta zo ku matwi yawe,n’izosi ryawe ni ryiza hagati mu migufu.11Tuzogucurira amahereni yo ku matwi y’inzahabu,zisharijwe n’ifeza.12Umwami akiri ku kigwa ciwe,amavuta yanje yaratamiranye.13Umukunzi wanje, kuri jewe ameze nk’umukama w’ibimota nezauryamye hagati y’amabere yanje.14Umukunzi wanje, kuri jewe ameze nk’ishurwe ryitwa ikirunguiyo gishuritse mu mizabibu y’i Eni-Gedi.15Ese ingene uri mwiza, mukunzi wanje!Ese ingene uri mwiza!Amaso yawe asa n’ay’akanuma kitwa kolombe.16Ese ukuntu uri mwiza, mukunzi wanje!Ese ukuntu unezera!Kandi uburiri bwacu busa n’umurima utotahaye.17Inkingi z’inzu yacu ni amasederi;kandi igisenge c’inzu yacu ni utujwari.
Biblica, Inc.