Ivyahishuwe3
Ivyandikiwe ishengero ry’i Sarudi
1Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Sarudi uti:Uwufise mu biganza impwemu indwi z’Imana n’inyenyeri indwi avuga ati:
Ndazi ibikorwa vyawe. Abantu benshi bazi ko uri muzima kandi warapfuye.2Ikangure ukomeze ivyo usigaranye bigikomeye ariko bigiye gupfa, kuko ibikorwa vyawe bidatunganye imbere y’Imana.3Wibuke inyigisho wumvise ukazakira. Uzigendere wongere wihane. Nutikangura, nzoza nk’igisuma kandi ntuzomenya igihe nzokugendera.4Ariko uracafise abantu bakeya i Sarudi batanduje impuzu zabo. Abo bazogendana nanje bambaye imyambaro yera kuko birababereye.5Uwuzonesha nzomwambika imyambaro yera. Sinzokwigera mpanagura izina ryiwe mu gitabu c’ubugingo, ahubwo nzorivuga imbere ya Data n’abamarayika biwe.6Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero.
Ivyandikiwe ishengero ry’i Filadelufiya
7Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Filadelufiya uti:Uwera kandi uw’ukuri, uwufise urupfunguruzo rwa Dawidi mu kiganza; ico yuguruye nta wushobora kucugara, kandi ico yugaye nta wushobora kucugurura, avuga ati.8Ndazi ibikorwa vyawe. Ehe, nakwugururiye umuryango ata n’umwe ashobora kwugara. Ndazi ko ufise intege nke, ariko wazigamye ijambo ryanje, ntiwanyihakana.9Ehe, nzozana abo mw’isinagogi rya Satani biyita Abayuda kandi atari bo, bapfukame imbere yawe, bamenye ko ndagukunda.10Ko witondeye ibwirizwa ryanje ryo kwihanganira ibikugerageza, nanje nzokurinda ibihe vy’amagorwa bigiye kuza kw’isi yose kugerageza abayibako.11Ehe ndaza vuba. Wumire ku co ufise kugira ngo ntihagire uwugutwara impera yawe.12Uwuzonesha nzomugira inkingi mu rusengero rw’Imana yanje, kandi ntazokwigera ahava. Nzomwandikako izina ry’Imana yanje, hamwe n’iry’igisagara c’Imana yanje, ni co Yerusalemu nshasha, imanuka iva mw’ijuru ku Mana yanje; kandi nzomwandikako izina ryanje rishasha.13Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero.
Ivyandikiwe ishengero ry’i Lawodikiya
14Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Lawodikiya uti:Uwitwa Amen, umwizigirwa kandi icabona c’ukuri, uwuganza ivyaremwe n’Imana vyose, avuga ati:15Ndazi ibikorwa vyawe. Ndazi ko udakonje kandi utabize. Ese iyo ukonja canke ukabira!16Ko uri akazuyazi, udakonje canke ngo ubire, ngira ndakudahwe.17Uvuga ngo uratunze, ufise vyinshi kandi ngo nta co ukenye. Ariko ntuzi ingene uri umugorwa ateye ikigongwe. Uri umukene, urahumye kandi ugenda gusa.18Ni co gituma ndaguhanura ngo ungureko inzahabu zivugutiwe mu muriro kugira ngo ube umutunzi. Ungureko imyambaro yera kugira ngo ufuke ubwambure bwawe buteye isoni, ungureko kandi n’umuti wo gusiga ku maso yawe kugira ngo ushobore kubona.19Uwo nkunda ndamukankamira, nkanamuhana. None rero, gira umwete, wihane.20Ehe mpagaze ku muryango ndiko ndadodora. Uwumva ijwi ryanje akugurura umuryango, ndinjira iwe dusangire.21Uwuzonesha nzomuha kwicarana nanje ku ntebe y’inganji, nk’uko nanje nanesheje nkicarana na Data ku ntebe y’inganji yiwe.22Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero.”
Biblica, Inc.