Ivyahishuwe2
Ivyandikiwe ishengero ryo muri Efeso
1Wandikire umumarayika w’ishengero ryo muri Efeso uti:Uwufise inyenyeri indwi mu kuboko kw’i buryo kandi agendagenda hagati y’ibiterekwako amatara indwi, aravuga ati:2Ndazi ibikorwa vyawe, ukuruha kwawe, n’ukwihangana kwawe. Ndazi ko utihanganira inkozi z’ibibi, kandi ko wasuzumye abo bose bigira intumwa kandi atari zo, ukamenya ko ari ababeshi.3Wihanganiye imibabaro myinshi ku bw’izina ryanje, ntiwadendebukirwa.4Ariko ico nkugaya ni uko watakaje urukundo rwawe rwa mbere.5Niwibuke aho wavuye ukagwa, maze wihane, usubire ukore ibikorwa wakora ubwa mbere. Niyo utihana, nzoza nkure igiterekwako itara cawe mu kibanza caco.6Ariko hari ico ushimirwa: wanse ibikorwa vy’Abanikolayite, nk’uko nanje ndavyanka.7Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero. Uwuzonesha nzomuha kurya ku vyamwa vyo ku giti c’ubugingo, kiri muri paradizo y’Imana.
Ivyandikiwe ishengero ry’i Simuruna
8Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Simuruna uti:Uwa mbere akaba n’uwa nyuma, uwapfuye akazuka, aravuga ati.9Ndazi imibabaro yawe, n’ubukene bwawe, ariko uri umutunzi! Ndazi ibitutsi utukwa n’abiyita Abayuda kandi atari bo, ahubwo ari abo mw’isinagogi rya Satani.10Ntuterwe ubwoba n’imibabaro ugiye gucamwo, kuko wa mubi agiye gushira bamwe muri mwebwe mw’ibohero kugira ngo akugerageze. Muzobabazwa imisi cumi. Ariko niwaguma mu bwizigirwa gushika ku gupfa, nzoguha igitsibo c’ubugingo.11Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero. Uwuzonesha nta co urupfu rwa kabiri ruzomugira.
Ivyandikiwe ishengero ry’i Perugamo
12Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Perugamo uti:Uwufise inkota ikarishe, ifise ubugi bubiri, aravuga ati.13Ndazi ko uba mu gisagara Satani afisemwo intebe y’inganji, ariko wumiye kw’izina ryanje. Ntiwamvuyeko no mu gihe ca Antipa, icabona canje c’ukwizigirwa, uwagandaguriwe muri mwebwe, mu gisagara ca Satani.14Ariko ico nkugaya ni uko hari bamwe muri mwebwe bagikurikira inyigisho za Balamu, yigishije Balaki kugwisha Abisirayeli mu vyaha, bakarya ivyaterekerewe ibigirwamana bagakora n’ivyaha vy’ubusambanyi.15Kandi muri mwebwe hariho n’abakurikira inyigisho z’Abanikolayite.16None rero niwihane. Ahandi ho nzoza vuba kukugwanya nitwaje inkota yo mu kanwa kanje.17Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero. Uwuzonesha nzomuha kurya kuri manu yahishijwe. Nzomuha kandi ibuye ryera ryanditseko izina rishasha; nta wuzomenya iryo zina kiretse uwuzohabwa iryo buye.
Ivyandikiwe ishengero ry’i Tuwatira
18Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Tuwatira uti:Umwana w’Imana, uwufise amaso aca ibibatsi nk’imbeya z’umuriro, akagira n’ibirenge vyakaka nk’umuringa, aravuga ati.19Ndazi ibikorwa vyawe, urukundo rwawe, ukwizera kwawe, ukwitanga kwawe n’ukwihangana kwawe. Ndazi kandi ko ibikorwa vyawe vy’ubu biruta mu bwinshi ivyo wakora mu ntango.20Ariko ico nkugaya ni uko waretse uwo mugore Yezebeli yiyita umuvugishwa, akazimiza abantu banje, akabajana mu busambanyi no mu kurya ivyaterekerewe ibigirwamana.21Namuhaye umwanya ukwiye ngo yihane ariko ntagomba kuva mu ngeso ziwe z’ubusambanyi.22None rero nzomuterera ku buriri bw’imibabaro, kandi n’abasambana na we nzobatera imibabaro myinshi, kiretse bihanye bakareka ibikorwa vyabo bibi.23Nzokwica abana biwe bose. Aho ni ho amashengero yose azomenya ko ndi Imana isuzuma ivyanyegejwe mu mitima no mu vyiyumviro kandi ko nzoha umuntu wese impembo ikwiranye n’ivyo yakoze.24Ariko mwebwe abasigaye b’i Tuwatira mutifatanije n’izo nyigisho mbi, kandi mutakurikiye ivyo abantu bise amabanga akomeye ya Satani, ‘Nta wundi mutwaro ndabikoreza,25uretse kwumira ku co mufise gushika ngarutse.’26Uwuzonesha akabandanya anyumvira gushika kw’iherezo, nzomuha kuganza amahanga.27Azoyatwazanya umukazo, ayamenagure nk’uwumena inkono z’ibumba. Nzomuha ububasha nahawe na Data,28kandi nzomuha n’inyenyeri yo mu mutwenzi.29Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero.
Biblica, Inc.