Ivyahishuwe4
Intebe y’inganji mw’ijuru
1Inyuma y’ivyo ndaraba, mbona umuryango wuguruye mw’ijuru. Rya jwi nari numvise ubwa mbere rivuga nk’inzamba, rimbwira riti: “Duga uze hano, ndakwereke ibigiye kuba inyuma y’ibi.”2Ako kanya nyene, nca nja muri Mpwemu, mbona intebe y’inganji mw’ijuru, mbona n’uwuyicayeko.3Uwari ayicayeko yasa n’ibuye ry’agaciro ryitwa yasipi hamwe n’iryitwa sarudiyo. Kandi iyo ntebe yari izungurutswe n’umunywamazi usa n’ibuye ry’agaciro ryitwa simaragido.4Iyo ntebe yari ikikujwe n’izindi mirongo ibiri na zine, zicaweko n’abakuru mirongo ibiri na bane bambaye impuzu zera n’ingori z’inzahabu ku mitwe yabo.5Kuri iyo ntebe hava imiravyo, urwamo n’imituragaro. Imbere y’iyo ntebe hari amatara indwi yaka, ari zo mpwemu indwi z’Imana.6Kandi imbere yayo hari igisa n’ikiyaga c’ibiyo kibonerana cane.Hagati na hagati n’ahakikuje iyo ntebe, hari ibinyabugingo vyuzuye amaso imbere n’inyuma.7Ikinyabugingo ca mbere casa n’intambwe, ica kabiri casa n’impfizi ikiri nto, ica gatatu cari gifise mu maso hasa n’ah’umuntu, ica kane cari kimeze nk’inkona iriko iraguruka.8Kimwekimwe cose muri vyo cari gifise amababa atandatu, cuzuye amaso hose n’imbere muri vyo. Ijoro n’umurango, ntivyahengeshanya kwama bivuga biti: “ ‘Uwera, uwera, uwera, ni we Mwami Imana Mushoboravyose,’ yamyeho, ariho, kandi agira aze.”9Igihe cose ivyo binyabugingo bihaye icubahiro uwicaye kuri ya ntebe kandi ariho ibihe bidashira,10ba bakuru mirongo ibiri na bane baca bikubita imbere y’uwicaye kuri ya ntebe, bagahimbaza uwuriho ibihe bidashira, bagashira hasi za ngori zabo imbere ya ya ntebe y’inganji, bavuga bati:11“Urabereye, Mwami Imana yacu,kwakira icubahiro n’ububashakuko ari wewe waremye vyose,ugushaka kwawe ni ko kwatumye bibaho,biraremwa.”
Biblica, Inc.