Ivyahishuwe19

Indirimbo z’intsinzi mw’ijuru

1Inyuma y’ivyo nca numva amajwi asamirana mw’ijuru ameze nk’ay’abantu amasinzi n’amasinzi, asemerera ati:“Haleluya!Agakiza, icubahiro n’ubushobozi, ni ivy’Imana yacu,2kuko imanza zayo ni iz’ukuri kandi ziragororotse.Yaciriye urubanza wa mumaraya akomeye,umwe yononesha isi ubusambanyi bwiwe.Yaramwihoye kubera amaraso y’abakozi bayo yasheshe.”
3Bongera barasemerera bati:“Haleluya!Umwotsi uva muri ca gisagara wama uduga ibihe vyose.”
4Ba batama mirongo ibiri na bane na vya binyabugingo bine baca bikubita hasi bubamye, batazira Imana yicaye ku ntebe y’inganji, bavuga bati:“Amen! Haleluya!”
5Haca humvikana ijwi rivuye kuri ya ntebe y’inganji, rivuga riti:“Nimushime Imana,yemwe bakozi bayo,namwe abayubaha mwese,abahambaye n’aboroshe.”
6Nca numva amajwi avuga nk’ay’abantu amasinzi n’amasinzi, avuga nk’imipfunda yo mu kiyaga ikomeye, agaturagara nk’inkuba, avuga ati:“Haleluya!Umwami wacu Imana Mushoboravyose iraganje.7Tunezerwe, duhimbarwe,tuyihe icubahiro!Kuko ubukwe bw’Umwagazi w’intama burashitse,kandi umugeni wiwe aramaze kwitegura.8Impuzu zera, zimesuye kandi zikayangana,ni zo yahawe ngo yambare.”Impuzu zera zisigura ibikorwa vyiza vy’ukugororoka vy’abera b’Imana.
9Wa mumarayika aca ambarira ati: “Andika uti: Hahiriwe abatumiwe ku mazimano y’ubukwe bw’Umwagazi w’intama!” Yongerako ati: “Aya ni amajambo y’ukuri y’Imana.”
10Numvise ivyo nca nikubita hasi nubamye ngo ndamusenge. Ariko aca ambwira ati: “Ntugakore ivyo! Nanje ndi umukozi w’Imana co kimwe na we na bene So bashingira intahe ukwizera bafise muri Kristo. Usenge Imana yonyene. Kuko ugushingira intahe Yesu ni impwemu y’ubuvugishwa.”

Ivy’ifarasi yera n’uwayigenderako

11Maze nca mbona ijuru rirugurutse n’ifarasi yera ihagaze imbere yanje. Uwayigenderako yitwa Mwizigirwa na Munyakuri, kuko aca imanza zibereye kandi akagwana intambara mu buryo bugororotse.12Amaso yiwe yasa n’imbeya z’umuriro kandi yari afise ingori nyinshi ku mutwe. Yari afise izina rimwanditseko kandi nta n’umwe ashobora kuritahura atari we nyene.13Yari yambaye ikanzu yinitswe mu maraso, kandi izina ryiwe ni Jambo w’Imana.14Ingabo zo mw’ijuru zariko ziramukurikira ziri ku mafarasi yera, zambaye impuzu zera zikayangana.15Mu kanwa kiwe havamwo inkota ikarishe; kandi iyo ni yo yakubitisha amahanga. “Azoganzisha amahanga umukazo.” Azorekura ubushangashirwe bw’Imana Mushoboravyose nk’uwuganira inzabibu mu bwato.16Kw’ikanzu yiwe no kw’itako rwiwe hari handitseko ngo:
Umwami w’abami, Uwuganza abatware.
17Nongera mbona umumarayika yari ahagaze mu zuba, asemerera n’ijwi rirenga abwira ibisiga biguruka mu kirere ati: “Nimuze, mukoranire ku mazimano ahambaye y’Imana,18kugira ngo murye inyama z’abami, abagabisha b’ingabo, abahambaye, amafarasi n’abayagenderako, n’inyama z’abantu bose, abagurano n’abidegemvya, abakuru n’abato.”
19Nca mbona ca gikoko, mbona n’abami bo mw’isi bose n’ingabo zabo bakoraniye kugwanya umwe agendera kw’ifarasi n’ingabo ziwe.20Ariko ca gikoko gica gifatwa mpiri hamwe na wa muvugishwa w’ibinyoma yakora ibitangaza mw’izina ryaco. Ivyo bitangaza ni vyo cahendesha bamwe bashirwako ikimenyetso caco, bagasenga n’igishushanyo caco. Ca gikoko na wa muvugishwa w’ibinyoma baca batererwa mu kiyaga caka umuriro.21Za ngabo zose zica zicishwa ya nkota ikarishe yava mu kanwa k’uwugendera kuri ya farasi yera, maze ibisiga vyo mu kirere vyose bica birya inyama zabo.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e