Ivyahishuwe20

Imyaka igihumbi

1Hanyuma mbona umumarayika yururuka ava mw’ijuru, afise impfunguruzo z’i kuzimu, afise umunyororo munini mu minwe.2Aca afata ca gisato, ari co kiyoka ca kera, ari we wa mubi canke Satani, arakiboha, kimara imyaka igihumbi kiboshe.3Aca agikororera i kuzimu, acugaranirayo, kugira ngo ntikibandanye kizimiza amahanga gushika iyo myaka igihumbi iheze. Ariko inyuma y’iyo myaka kizorekurwa akanya gatoya.
4Nca mbona intebe z’inganji zicaweko n’abahawe ubushobozi bwo guca imanza. Hanyuma nca mbona imishaha y’abaciwe imitwe bahorwa gushingira intahe Yesu no kuvuga ijambo ry’Imana. Abo ntibigeze basenga ca gikoko canke ngo basenge igishushanyo caco, kandi ntibashizweko ikimenyetso caco ku ruhanga canke mu kiganza. Nuko basubira kuba bazima, baganzanya na Kristo imyaka igihumbi.5(Abapfuye bandi ntibasubiye kuzuka iyo myaka igihumbi idaheze.) Iri ni ryo zuka rya mbere.6Barahiriwe kandi ni abera abazoba muri iryo zuka rya mbere. Urupfu rwa kabiri nta bubasha ruzobagirako, ariko bazoba abaherezi b’Imana na Kristo, kandi bazoganzanya na we imyaka igihumbi.

Satani acirwa urubanza

7Iyo myaka igihumbi iheze, Satani azorekurwa ave mw’ibohero ryiwe,8hanyuma asohoke aje kuzimiza amahanga yitwa Gogi na Magogi, mu mpande zine z’isi. Azobakoranya ngo batere intambara, kandi bazoba ari benshi bangana n’umusenyi wo ku kiyaga.9Nuko ndababona bagendagenda isi yose, bakikuza ikibanza abera b’Imana barimwo n’igisagara Imana ikunda. Ariko umuriro uramanuka uvuye mw’ijuru, urabarigita.10Wa mubi yabahenda, atabwa mu kiyaga caka umuriro, aho ca gikoko na wa muvugishwa w’ibinyoma bari batawe. Bazobabazwa ijoro n’umurango, ibihe bidashira.

Abapfuye bacirwa urubanza

11Hanyuma nca mbona intebe y’inganji nini cane, mbona n’uwuyicayeko. Ijuru n’isi birahunga biva imbere yiwe, ntivyasubira kuboneka.12Nca mbona abapfuye, abakuru n’abato, bahagaze imbere ya ya ntebe, maze ibitabu birazingururwa. Ikindi gitabu kirugururwa, ni co gitabu c’ubugingo. Abapfuye bacirwa imanza z’ivyo bakoze nk’uko vyari vyanditse muri ico gitabu.13Ikiyaga kigarukana abapfuye bari muri co, urupfu na kuzimu bigarukana abari muri vyo, umwe wese acirwa urubanza ruhwanye n’ivyo yakoze.14Maze rupfu na kuzimu bitererwa mu kiyaga caka umuriro. Ico kiyaga caka umuriro ni co rupfu rwa kabiri.15Umuntu wese atasanze izina ryiwe ryanditswe mu gitabu c’ubugingo, atererwa muri ico kiyaga caka umuriro.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e