Ivyahishuwe18
Ugusenyuka kwa Babiloni
1Inyuma y’ivyo nca mbona uwundi mumarayika yururuka ava mw’ijuru. Yari afise ubushobozi bwinshi kandi isi yari imurikiwe n’ugukayangana kwiwe.2Arasemerera n’ijwi rirenga ati:“ ‘Kirasenyutse! Kirasenyutse Babiloni,igisagara gihambaye!’ Ubu gihindutse inzu y’abadayimoni,ubwihisho bw’impwemu zihumanye zose,ubwihisho bw’inyoni zihumanye zose,n’ubwihisho bw’ibikoko bihumanye kandi bisesema vyose.3Kuko amahanga yose yanyoyeku muvinyu w’ubusambanyi bwaco burenze urugero.Abami b’isi bose basambanye na co,kandi abadandaza bo kw’isi batungishijwe n’ibikayangana vyaco vyinshi cane.”4Nca numva irindi jwi rivuye mw’ijuru rivuga riti:“ ‘Nimusohoke mukivemwo, mwa bwoko bwanje,’ kugira ngo ntimwifatanye na co mu vyaha vyaco,maze mugashikirwa n’ivyago bizogishikira.5Kuko ivyaha vyaco vyarundanye bishika mw’ijuru,none Imana yibutse ibikorwa bibi vyaco.6Nimucishure ivyo cakoreye abandi,mugikorere incuro zibiri ivyo cakoze.Nimwuzuze igikombe canywesherejeko abandiinzoga iboreza incuro zibiri kurusha.7Cishize hejuru, cibera mu bikayangana;none nimucishure imibabaro n’ivyago.Cirata mu mutima kiti:‘Nganje nk’umwamikazi;sindi umupfakazi,kandi sinzokwigera ngandara.’ 8None rero ku musi umwe, kizohwikirwa n’ivyago:urupfu, ikigandaro n’ikigoyi.Kizotongorwa n’umuriro,kuko Umwami Imana agiciriye urubanza ari umunyabushobozi.”9Abami bo kw’isi basambanye bakongera bagasangira na co ubutunzi bwaco, nibabona umwotsi wo gutongorwa kwaco, bazokiririra bongere bakigandarire.10Bazobirabira kure kubera gutinya imibabaro igishikiye, maze bakome induru bavuga bati:“Ibara! Ibara riraguye kuri ca gisagara gihambaye,Babiloni ca gisagara gikomeye!Mu kanya isase, urubanza waciriwe ruragushitseko!”11Abadandaza bo kw’isi bazokiririra bakigandarire, kuko ata wuzoba akibagurira ibidandazwa vyabo.12Cahora kibagurira ibidandazwa bigizwe n’inzahabu, ifeza, amabuye y’agaciro n’utubuyenge; impuzu zera nziza, izitukura n’izisa n’agahama nziza; ivyakozwe mu biti bimota neza, ivyakozwe mu mahembe y’inzovu, ivyabajwe mu biti vyiza vy’igiciro kinini, ivyacuzwe mu butare bw’umwakaka no mu vyuma hamwe n’amabuye abajwe.13Cabagurira kandi ivyitwa kinamoni n’ibindi birungo, ibimota neza, amavuta yitwa mira, imibavu, imivinyu, amavuta ya elayo, ifu inoze neza n’ingano, inka n’intama, amafarasi n’imikogote hamwe n’abantu bagurishwa nk’abagurano.14Bazovuga bati: “Ivyo wahahamira cane uravyatswe. Ubutunzi bwawe n’ugukayangana kwawe vyose biguhezeko, ntibizosubira kuboneka.”15Abadandaza bari baratungishijwe no gushora ivyo bidandazwa muri co, bazobirabira kure kubera gutinya imibabaro igishikiye. Bazorira, bagandare,16bavuga bati:“Ibara! Ibara riraguye kuri ca gisagara gihambaye,cambaye impuzu z’igiciro kinini, izitukura n’iz’agahama,gishazishije inzahabu n’amabuye y’agaciro n’utubuyenge.17Mu kanya isase, ubwo butunzi bwose buhindutse ubusa!”Abagendesha ubwato, ababugenderamwo, abasoza hamwe n’abakorera ibikorwa vyabo mu kiyaga, bazobirabira kure.18Nibabona umwotsi w’ugutongorwa kwaco, bazovuga bati: “Mbega hari igisagara cari gihambaye nk’iki?”19Bazokwisuka umukungugu ku mitwe, barire, bagandare, bavuga bati:“Ibara! Ibara riraguye kuri ca gisagara gihambaye,kimwe catungishaabafise amato ku kiyaga!Mu kanya isase, gihindutse ubugaragwa!20Nimubinezerererwe, yemwe mwa majuru!Nimunezerwe, yemwe bwoko bw’Imana!Nimunezerwe, yemwe ntumwa n’abavugishwa!Imana yagiciriye urubanzaruhwanye n’ivyo cabakoreye.”21Hanyuma umumarayika w’inkomezi aca atora ibuye rimeze nk’urusyo runini, ariterera mu kiyaga, avuga ati:“Uku ni ko Babiloni, igisagara gihambaye,kizokubitwa hasi biteye ubwoba,kandi ntikizosubira kuboneka.22Nta bavuza inanga, abaririmvyi,abavuza imyironge canke inzumbetebazosubira kwumvikana muri wewe.Nta bakora utugenegene tw’ubwoko na bumwebazoba bakiboneka muri wewe.Nta jwi ry’urusyorizosubira kwumvikana muri wewe.23Nta muco w’amatarauzosubira gukayangana muri wewe.Nta majwi y’umukwe n’umugeniazosubira kwumvikana muri wewe.Abadandaza bawe bari rurangiranwa kw’isi.Amahanga yose yazimijwe n’amareba yawe.24Muri co habonetse amaraso y’abavugishwa n’ay’abera b’Imana,hamwe n’ay’abandi bose biciwe kw’isi.”Biblica, Inc.