Ivyahishuwe17

Maraya na ca gikoko

1Umwe muri ba bamarayika indwi bari basutse ivyago indwi, aranyegera ambwira ati: “Ingo ndakwereke igihano kizohabwa wa mumaraya ahambaye, aganje ibiyaga vyinshi.2Abami b’isi bose basambanye na we, kandi ababa kw’isi bose baborejwe n’umuvinyu w’ubusambanyi bwiwe.”
3Wa mumarayika aca antwara mu bugaragwa ndi muri Mpwemu. Nca mbona umugore agendera ku gikoko gitukura, gifise imitwe indwi n’amahembe cumi, cuzuyeko n’amajambo yo gutuka Imana.4Uwo mugore yari yambaye impuzu z’agaciro zitukura, kandi yari ashazishije inzahabu n’utubuye tw’igiciro, hamwe n’imaragarita. Mu minwe yari afise igikombe c’inzahabu cuzuye ibiterasoni n’ibihumanya bivuye ku busambanyi bwiwe.5Ibi ni vyo vyari vyanditse mu ruhanga rwiwe:
Babiloni Hahambaye
Nyina w’Abamaraya bose
n’Ibihumanya vyo kw’isi.
6Kandi narabona ko uwo mugore yari aborewe n’amaraso y’abera, amaraso y’abashingiye intahe Yesu.
Ndamubonye ndatangara cane.
7Wa mumarayika arambarira ati: “Kubera iki utangaye? Reka ndagusigurire amabanga y’urya mugore n’ico gikoko agenderako gifise imitwe indwi n’amahembe cumi.8Kirya gikoko wabonye, carigeze kubaho ariko ubu ntikikiriho, ariko kizogaruka vuba kivuye i kuzimu, kije kurandurwa. Ababa kw’isi batandikishije amazina yabo mu gitabu c’ubugingo kuva isi ikiremwa bazotangara nibabona ico gikoko, kuko cigeze kubaho, ubu kikaba kitakiriho, hanyuma kikazoba kizogaruka.
9Gutahura ibi bisaba umutima w’ubwenge: Arya mahembe indwi ni imitumba indwi uwo mugore yicayeko, yerekana kandi abami indwi.10Batanu muri bo baratembagajwe, umwe araganje, uwundi ntaraza, ariko niyaza, inganji yiwe izoba iyo umwanya muto cane.11Kirya gikoko cabayeho ariko ubu kikaba kitariho ni umwami agira umunani. Ni umwe muri bamwe indwi kandi na we nyene agiye kuranduka.
12Arya mahembe cumi wabonye, ni abami cumi batarahabwa ubwami, ariko bazohabwa ububasha bamare ikiringo c’isaha imwe baganje hamwe na ca gikoko.13Abo cumi bose bafise intumbero imwe kandi bazoha ca gikoko ububasha n’ubushobozi vyabo.14Bazotera intambara bagwanye Umwagazi w’intama, ariko azobanesha kuko ni Uwuganza abatware kandi ni Umwami w’abami. Abo yahamagaye akabatoranya bakamubera abizigirwa, bazoba bari kumwe na we.”
15Wa mumarayika aca ambwira ati: “Birya biyaga wabonye wa mumaraya yari yicayeko, ni amasinzi y’abantu bo mu mahanga yose no mu ndimi zose.16Kirya gikoko n’amahembe cumi yaco wabonye bizokwanka urya mumaraya. Bizomwambura ivyo afise vyose bimusige ari gusa. Bizomurya inyama hanyuma ibisigazwa vyiwe bibiturire mu muriro.17Kuko Imana yashize mu mitima yavyo gushitsa ivyo ishaka, bizokwemeranya guha ububasha bwavyo ca gikoko, gushitsa amajambo y’Imana ashikijwe.18Urya mugore wabonye ni igisagara gihambaye kiganza abami bo kw’isi.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e