Zaburi91

1Uwuba mu bwugamo bw’Iyisumbavyoseazokwama ari mu gitutu c’Iyishoboravyose.2Nzobwira Uhoraho nti: “Uri ubuhungiro bwanje n’igihome kinkingira,uri Imana yanje nizigira.”
3Ni ukuri azogukizaumutego w’umutezin’ikiza gihonya.4Azokubundikiriza amoya yiwe,kandi uzohungira musi y’amababa yiwe;ubwizigirwa bwiwe ni bwo buzokubera inkinzo n’icuma gikingira igikiriza.5Ntuzotinya ibiteye ubwoba mw’ijoro,canke umwampi urashwe ku murango,6canke ikiza gitera mu mwijima,canke icago gihonya mu mashoka.7Abantu igihumbi bazogwa i ruhande yawe,ibihumbi cumi i buryo bwawe,ariko ntibizokwegera.8Ariko uzobibonesha amaso yawekandi uzokwibonera uguhanwa kw’abanyakibi.
9Niwavuga uti: “Uhoraho ni we buhungiro bwanje,”Iyisumbavyose ukayigira ahantu hawe ho kuba,10nta kibi kizogukorako,nta cago kizokwegera ihema ryawe.11Kuko azotegeka abamarayika biwengo bakuzigame mu nzira zawe zose;12bazokurerura mu maboko yabo,kugira ngo ntutsitare kw’ibuye.13Uzokandagira intambwe n’imvuvyi;uzosiribanga intare ikomeye n’ikiyoka.
14“Kuko yankunze,” ni ko Uhoraho avuze, “nzomukiza,nzomukingira, kuko yamenye zina ryanje.15Niyanyambaza, nanje nzomwishura;nzobana na we mu magorwa,nzomukiza ndamuhe icubahiro.16Nzomuhaza kuramba,ndamwereke agakiza kanje.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e