Zaburi92
Ni Zaburi, kandi ni indirimbo iririmbwa kw’Isabato.
1Ni vyiza guhimbaza Uhorahono gucurarangira izina ryawe, ewe Iyisumbavyose,2kwamamaza urukundo rwawe mu gitondon’ubwizigirwa bwawe mw’ijoro,3hakoreshejwe inanga y’imirya cumin’ijwi ry’ikembe.4Kuko ibikorwa vyawe biranezereza, ewe Uhoraho;ndirimbishwa n’umunezero kubera ibikorwa vy’inkoke zawe.5Mbega ukuntu ibikorwa vyawe ari ibihambaye, Uhoraho,n’ivyo wiyumvira bishika i bwina!6Abatagira ubwenge nta co bamenya,ibipfu ata co bitahura.7Naho abanyakibi bakura nk’ivyatsi,inkozi z’ibibi zigatotahara,bazorandurwa ibihe vyose.8Ariko weho, Uhoraho, ushizwe hejuru ibihe bidashira.9Nta nkeka, abansi bawe, ewe Uhoraho,ni ukuri abansi bawe bazohona;inkozi z’ibibi zose zizosanzazwa.10Wampaye inkomezi nk’iz’imbogo;unsukako amavuta meza y’umunezero.11Amaso yanje yiboneye ukuneshwa kw’abangwanya;amatwi yanje yiyumvira uguhunga kw’abanyanka.12Umugororotsi azototahara nk’ikigazi,akure asagarare nk’isederi ry’i Libani.13Atewe mu nzu y’Uhoraho,azototaharira mu birimba vy’Imana yacu.14No mu busaza bwiwe azoba acama ivyamwa,azokwamana ubuto n’itoto,15yamamaze avuga ati: “Uhoraho aratunganye;ni we Gitandara canje, kandi nta bubi buri muri we!”Biblica, Inc.