Zaburi90
Ni isengesho rya Mose umuntu w’Imana.
1Uhoraho, watubereye aho kubauko urunganwe rwakurikiranye n’urundi.2Imisozi itaravukacanke ngo wibaruke isi yose,uhereye kera hose ukageza ibihe bidashira uri Imana.3Usubiza abantu mu mukungugu,ukavuga uti: “Subire mu mukungugu, mwa bantu buntu.”4Imyaka igihumbi imbere yaweni nk’umusi warenganye gusa,canke igice kimwe c’ijoro.5Ariko utwara abantu bakamera nk’inzozi;bakamera nk’ivyatsi bimera mu gitondo:6Mu gitondo biramera bigatotahara;ariko ku mugoroba biruma bigakabirana.7Turanduwe n’uburake bwawedutewe ubwoba n’ubushangashirwe bwawe.8Washize ibigabitanyo vyacu imbere yawe,ivyaha vyacu vyo mu mpisho ubishira imbere y’inyonga zawe.9Imisi yacu yose tuyimara turi mu burake bwawe;turangiza imyaka yacu turi mu kuniha.10Imisi yacu ishobora kungana n’imyaka mirongo indwi,canke mirongo umunani, ku banyenkomeziariko ivyiza vyo muri yon’ivyago n’umubabaro gusa.11Ese iyo tumenya ubushobozi bw’uburake bwawe!Uburake bwawe bungana n’ukwubahwa kugukwiye.12Utwigishe guharura imisi yacu,kugira ngo turonke imitima y’ubwenge.13Niwigarure, Uhoraho! Bizogeza ryari?Girira ikigongwe abasavyi bawe.14Mu gitondo uze uduhaze urukundo rwawe rudashira,kugira ngo tuvuze impundu kandi tunezererwe imisi yacu yose.15Utunezereze imisi ingana n’iyo watubabaje,imyaka ingana iyo twaboneyemwo ivyago.16Niwereke ibikorwa vyawe abasavyi bawe,hamwe n’ubwiza bwawe abana babo.17Ukugira neza kw’Uhoraho Imana yacu kube kuri twebweukomeze igikorwa c’intoke zacu;egome, komeza igikorwa c’intoke zacu.Biblica, Inc.