Zaburi89

Ni masikili ya Etani Umunyezirahi.

1Nzoririmba urukundo ruhambaye rw’Uhoraho ibihe vyose;nzomenyekanisha akanwa kanje ukwizigirwa kwaweuko urunganwe ruzogenda rukurikirana n’urundi.2Nzovuga ko urukundo rwawe rwamaho ibihe bidashira,ko washinze ubwizigirwa bwawe mw’ijuru ubwaryo.3Waravuze uti: “Nasezeranye isezerano n’uwo natoranije,narahiye Dawidi umusavyi wanje nti:4‘Nzokomeza uruvyaro rwawe ibihe vyosekandi nzokomeza inganji yawe uko urunganwe ruzokuranwa n’urundi.’ ”
5Uhoraho, amajuru ahimbaza ibitangaza vyawe,n’ukwizigirwa kwawe nakwo, mw’ikoraniro ry’abera.6Kuko none ni nde ari mw’ijuru yogereranywa n’Imana?Mu vyo mw’ijuru ni nde ameze nk’Uhoraho?7Mw’ikoraniro ry’abera Imana irubashwe cane;iteye ubwoba kurusha abayikikije bose.8Ni nde ameze nkawe, ewe Mana Mushoboravyose?Wewe, Uhoraho, urakomeye, kandi ubwizigirwa bwawe buragukikuje.
9Ni wewe uganza ikiyaga gisuriranya;igihe imipfunda yaco yahagurutse, ni wewe uyitururuza.10Ni wewe wasiribanze Rahabu nk’umuvyimba;wasanzaje abansi bawe n’ukuboko kwawe gukomeye.11Amajuru ni ayawe, n’isi na yo ni iyawe;washizeho isi n’ibiri muri yo vyose.12Waremye uburaruko n’ubumanuko;Tabori na Herumoni haririmbishwa n’umunezero kubera izina ryawe.13Ukuboko kwawe kwuzuye inkomezi;ikiganza cawe kirakomeye,ikiganza cawe c’i buryo gishizwe hejuru.
14Ukugororoka n’uguca izibereye ni vyo rufatiro rw’inganji yawe;urukundo n’ubwizigirwa bigendera imbere yawe.15Hahiriwe abize kukuvugiriza impundu,bagendera mu muco wo mu nyonga hawe, Uhoraho.16Banezererwa izina ryawe bukarinda bwira;bahimbaza ukugororoka kwawe.17Kuko ari wewe cubahiro cabo n’inkomezi zabo,kandi ushira hejuru ihembe ryacu ku bwo kugira neza kwawe.18Ni ivy’ukuri, inkinzo yacu iganzwa n’Uhoraho,umwami wacu ni uw’Uwera wa Isirayeli.
19Umusi umwe waravuze mw’iyerekwa,ubwira abantu bawe bo kwizigirwa uti:“Natabaye umuhizi mu nkomezi zanje;namutoranije mu bantu basanzwe.20Nironkeye umusavyi wanje Dawidi;narobanuje amavuta yanje yera.21Ikiganza canje kizomushigikira;ni ukuri ukuboko kwanje kuzomukomeza.22Umwansi ntazomutera giturumbuka;umunyakibi ntazomuhonyora ku gakanu.23Nzoherengetereza abamugwanya imbere yiwentsinde hasi abansi biwe.24Urukundo rwanje ruzoguma kuri we,kandi ihembe ryiwe rizoshirwa hejuru ku bw’izina ryanje.25Nzoshinga ikiganza ciwe ku kiyaga,ukuboko kwiwe kw’i buryo ndagushire hejuru y’inzuzi.26Azonyambaza ati: ‘Uri Data,Imana yanje, igitandara Umukiza wanje.’27Kandi nzomutoranya ambere imfura,uwushizwe hejuru y’abami bose bo mw’isi.28Urukundo rwanje ruzoguma kuri we ibihe vyose,kandi isezerano namusezeraniye ntirizohinduka.29Nzohagarika abo mu ruvyaro rwiwe ibihe vyose,intebe yiwe y’ubwami izohangama igihe cose amajuru azoba akiriho.
30Abana biwe nibahemukira Ivyagezwe vyanjentibitondere ivyo nabihanikirije,31nibarenga ku vyo nategetsebikabananira kwitondera amabwirizwa yanje,32nzohanisha ivyaha vyabo inkoni,ukugabitanya kwabo ndaguhanishe kubakubitisha ikimoko;33ariko urukundo rwanje ntiruzomuvako,canke ngo mpindure isezerano ryanje.34Sinzoca mw’isezerano ryanjecanke ngo mpindure ivyo akanwa kanje kavuze.35Narahiye ukwera kwanje rimwe risa;kandi sinzobesha Dawidi;36ko hatazobura uwo mu ruvyaro rwiwe aba umwami ibihe vyosekandi ingoma yiwe izokwama ihangamye imbere yanje nk’izuba;37izoshingwa ibihe vyose nk’ukwezi,icabona co kwizigirwa co kw’ijuru.”
38Ariko waramwirukanye umushiburira kure!Washavuriye uwo warobanuje amavuta.39Wakuyeho isezerano wagiranye n’umusavyi wawemaze utuma igitsibo ciwe kivundagazwa mu mukungugu.40Impome ziwe waziciyemwo ibirengerouhindura ibihome bimukingira imisaka.41Abirenganira baramusahuye;yabaye ak’amenyo mu babanyi biwe.42Washize hejuru ukuboko kw’i buryo kw’abamugwanya;watumye abansi biwe banezerwa.43Ni ivy’ukuri, wasubije inyuma inkota yiwentiwamushigikira mu ntambara.44Washize kw’iherezo ubwiza bwiweuvunagurira hasi intebe yiwe y’ubwami.45Wagabanije imyaka y’ubuto bwiwe;umuteterereza mu maso ya bose.
46Uzogeza ryari, Uhoraho? Uzokwama winyegeje ibihe vyose?Uburake bwawe buzogeza ryari kwaka nk’umuriro?47Ibuka ingene ubugingo bwanje bukenyuka.Kuko waremeye abana b’abantu gupfa gusa.48Ni nde azobaho ntabone urupfu,canke ni nde azokira ntaje mu mva?49Urukundo rwawe rwa kera ruhebuje ruri he, ewe Mana,urwo warahiye Dawidi mu bwizigirwa bwawe?50Niwibuke, ewe Mana, uko umusavyi wawe yacokowe,uko umutima wanje wuzuye ibitutsi vy’amahanga yose,51ibitutsi abansi bawe, Uhoraho bantutse,ivyo bacokoye uwo warobanuje amavuta mu ntambuko ziwe zose.
52Uhoraho ahimbazwe ibihe bidashira!Amen kandi Amen!

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e