Zaburi9

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Iririmbwa mw’ijwi ryitwa “Urupfu rw’umwana w’umuhungu.” Ni Zaburi ya Dawidi.

1Nzogushima, Uhoraho, n’umutima wanje wose;nzokwamamaza ibihambaye wakoze.2Nzonezerwa mpimbarirwe muri wewe;nzoririmba amatazirano y’izina ryawe, ewe Iyisumbavyose.
3Abansi banje basubiye inyuma;baranyereye baratemvye imbere yawe.4Kuko wampagarariye, ukamburanira,uvyagiye ku ntebe yawe nk’umucamanza agororotse.5Wakankamiye amahanga, uhonya abanyakibi;wasibanganije izina ryabo ibihe bidashira.6Abansi banje bararandutse ibihe bidashira,waranduranye n’imizi ibisagara vyabo;nta n’ico kubibukirako kigisigaye.
7Uhoraho aganje ibihe bidashira;yashinze intebe yiwe y’ubwami ngo ace imanza.8Aganza isi mu bugororotsikandi acira imanza amoko mu kuri.9Uhoraho abera ubuhungiro impahazwa,ni igihome co guhungiramwo mu gihe c’ivyago.10Abazi izina ryawe bazokwizigira,kuko wewe, Uhoraho, ntiwigeze uheba abakurondera.11Muririmbe amashimwe y’Uhoraho, avyagiye i Siyoni;mumenyekanishe mu mahanga ivyo yakoze.12Kuko uwuhora amaraso yasheshwe aribuka;ntiyirengagiza ugutakamba kw’abari mu marushwa.
13Uhoraho, raba ingene abansi banje bampama!Ngirira ikigongwe maze unkure mu vyara vy’urupfu,14kugira ngo nze mvuge amashimwe yawemu marembo y’Umukobwa Siyoni,kugira ngo nezerererwe agakiza kawe.
15Amahanga yakorokeye mu cobo yimvye;ibirenge vyabo vyaguye mu mutego bateze ubwabo.16Uhoraho yimenyekanishije mu bikorwa vyo kugororoka yakoze;abanyakibi bafashwe n’umutego w’ibikorwa vy’intoke zabo.17Abanyakibi bamanuka baja ahantu h’abapfuye,co kimwe n’amahanga yose yibagira Imana.18Ariko Imana ntizokwibagira na rimwe abakene;ivyizigiro vy’impahazwa ntibizokwigera bikurwaho.
19Haguruka, ewe Uhoraho, ntureke ngo abantu buntu baneshe;amahanga nacirirwe urubanza imbere yawe.20Batere ubwoba, ewe Uhoraho;abanyamahanga nibamenye ko ari abantu buntu.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e